Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika irababajwe n’ikurwa ry’ingabo za Tchad muri ico gihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika irababajwe n’ikurwa ry’ingabo za Tchad muri ico gihugu

Centrafrika irababajwe n’ikurwa ry’ingabo za Tchad muri ico gihugu

vendredi 4 Ndamukiza 2014

Igihugu ca centrafrika cirababajwe n’ingingo yafashwe n’igihugu ca Tchad yo gukura abasirikare baco bari bagiye gufasha kugarukana umutekano muri ico gihugu.

Abategetsi b’igihugu ca centrafrika ntibatevye kugira ico bashikirije ku vyerekeye ikurwa ry’ingabo Za Tchad muri MISCA ingabo zagiye kugarura amahoro n’umutekano mu gihugu ca Centrafrika.

Mw’itangazo yasohoye ari mu gihugu c’Ubufaransa ,umushikiranganji n’imigenderanire y’igihugu ca Centrafrika n’ayandi makungu Toussaint kongo Doudou aremeza ko igihugu ca Tchad ari co cifatiye iyo ngingo ubwaco nyene.

Umushikiranganji wa Centrafrika igihe yari aciye i Paris inyuma y’inama yahuje ibihugu vya Afrika hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika yariko ibera i buruseri mu bubiligi amenyesha ko iyo ngingo yafashwe inyuma yaho muri iyo nama igihugu ca Tchad bacagirije ko abasoda baco bishe abanyagihugu mu gisagara c’ i Bangui.
Mwomenya rero ko ingabo za Tchad zari muri co gihugu ca Centrafrika zagera ku 850.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.