Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
’’Centrafrika iri ku manga y’ihonyabwoko’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > ’’Centrafrika iri ku manga y’ihonyabwoko’’

’’Centrafrika iri ku manga y’ihonyabwoko’’

jeudi 21 Munyonyo 2013

Ibiriko biraba mu gihugu ca Centrafrika birateye ubwoba amakungu, ndetse bamwe bakabona ko ibikorwa n’ umuhari SELEKA biteye ubwoba, bikagaragaza ko ico gihugu kiri ku manga z’ihonyabwoko.

Umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Laurent Fabius yavugiye ku mboneshakure yo mu gihugu iwe ko akajagari kari mu gihugu ca Centrafrika gateye ubwoba, akavuga ko amazu y’abanyagihugu yaturiwe atacamira mu kigwati ca Ouham mu ndwi iheze. Ico gihugu kimaze igihe mu kaga kuva mu kwezi kwa Ruheshi, igihe urunani SELEKA rw’imirwi yitwaje ibirwanisho rukuriye Reta yariho. Hakurikiye ibitero hagati y’imirwi y’aba islamu n’abakirisu. Umuvugizi wa Reta ya Centrafrika yamenyesheje ko Joseph Kony ari mur’ico gihugu, ariko ashaka kubanza kumenya ko umutekano wiwe utazohungabanywa, imbere yo kwitanga.
Reta zunzubumwe z’Amerika zibandanya gufasha abasirikare ba Uganda guhiga Kony.

Kony aronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku vyaha vyo mu ntambara birimwo gufata abigeme n’abakenyezi ku nguvu, ubwicanyi no gushira abana mu murwi witwaje ibirwanisho LRA. Kumenyekana kwa Joseph Kony kwagiye kwiyongera cane, kuva igihe mu mwaka uheze, hasohorewe video yaciye kuri internet, Kony 2012, ikarabwa n’imiriyoni z’abantu hirya no hino kw’isi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Kubona joseph kony atarafatwa namabi yakoreye ikiremwa muntu ntivyumvikana abo mumuhari SELEKA bobo baramuskigikiye kuko yarabashije gufata igihugu ninaco gituma ubona abo muri SELEKA bakora ibitera soni, ubwicanyi bwagahomerabunwa n’ibindi. nagomba nsabe ishirahamwe mpuzamakungu ijejwe umutekano kwisi(conseil de securite) kurungika vyihuta abahagararira abanyagihugu bazira akarenganyo kandi banahane abarongoye ico gihugu kuko ntaco bakora atari ukwica abantu
    babikore mukiringo cavuba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.