Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Reta ya Catherine Samba Panza yasabwe gutanga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Reta ya Catherine Samba Panza yasabwe gutanga (...)

Centrafrika : Reta ya Catherine Samba Panza yasabwe gutanga imihoho

vendredi 10 Gitugutu 2014

Umuhari wa Séléka wasavye umukuru w’igihugu w’imfatakibanza wa Centrafrika gutanga imihoho vuba, inyuma y’aho imigumuko isubiriye kwaduka i Bangui, aho hapfuye abagera ku ndwi.

Uwo muhari usaba umupfasoni Catherine Samba Panza gutanga imihoho co kimwe na Reta yiwe, aho iyo Reta yagirizw n’uwo muhari usanzwe urwiriyemwo abari mw’idini rya Islam kuba batashoboye kugarukana amahoro muri ico gihugu. Muri ico gihugu ca Centrafrika rero n’aho ku murwa mukuru agahengwe kariko karaboneka, hagati mu gihugu hoibintu biracacika,aho abari mu muhari wa anti-balaka basanzwe barwiriyemwo abari mu madini y’abakirisu badacana uwaka n’aba Séléka.

Mwomenya ko muri ico gihugu ca Centrafrika na cane cane abasanzwe bariko baragarukana amahoro bahurikiye muri MINUSCA barikanuye kuva ahoumwe mu bagendesha ipikipiki ari mw’idini ry’abasiramu yiciye abatari bake akoresheje igisasu ntezwaminwe muri quartier KM5 iri ku murwa mukuru Bangui.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.