Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Reta zunze ubumwe za Amerika ziteguriye gutera abahungabanya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Centrafrika : Reta zunze ubumwe za Amerika ziteguriye gutera abahungabanya (...)

Centrafrika : Reta zunze ubumwe za Amerika ziteguriye gutera abahungabanya umutekano

lundi 27 Nzero 2014

Umunyamabanga wa Reta nzunze ubumwe za Amerika John Kerry yamenyesheje ko Reta aserukira yiteguriye gufata ingingo ruhasha kuri abo bariko batera umudugararo mu gihugu ca Centrafrika.

Mw’itangazo ryaraye risohowe kuri uyu w’Imana wa 26 Kigarama 2014, John Kerry yamenyesheje ko Reta nzunze ubumwe za Amerika ziteguriye gufata ingingo ruhasha kuri abo bose bariko barahungabanya umutekano barondera inyungu zabo muri Centrafrika.
Iryo tangazo rikaba ryasohowe inyuma y’aho kuri uyu w’Imana wa 26 Nzero 2014, mu gisagara ca Bangui habereye imishamirano hagati y’abakirisu n’aba islamu, mu gihe ariho hari hagitorwa umukuru w’igihugu mushasha, Catherine Samba Panza kugira afashe kugarukana umutekano.

JPEG - 11.6 ko
John Kerry

Amasasu atagira uko angana hamwe n’ugushaka gusahura akaba arivyo vyavugwa muri karatiye ya PK-5, karatiye nkuru ikorerwamwo urudandaza mu gisagara ca Bangui, ahasanzwe hari n’amaduka atari make y’aba isiramu.

Umunyamabanga John Kerry akavuga ko Reta nshasha yatowe muri Centrafrika yoha akaryo abanyagihugu kugira basanure ivyasambutse, bongere bagarukane umugenzo wo kwihanganirana.
Mwokwibuka ko umukuru w’igihugu ca Reta nzunze ubumwe za Amerika Barak Obama yasubiye kwemeza ko yiyeguriye gushigikira igihugu ca Centrafrika kirongowe ubu na Samba Panza, mukugarukana umwizero hagati y’ivyo bihugu bibiri no gutegura amatora ategekanijwe mu kwezi kwa Ruhuhuma umwaka 2015.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.