Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Ubwicanyi burabandanya ku murwa mukuru - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Ubwicanyi burabandanya ku murwa mukuru

Centrafrika : Ubwicanyi burabandanya ku murwa mukuru

mardi 25 Ntwarante 2014

I Bangui ku murwa mukuru w’igihugu ca Centrafrika, abantu bagera kuri 15 nibo bamaze kwitaba Imana, nk’uko bimenyeshwa n’umwe mu barongozi b’ishirahamwe mpuzamakungu Croix Rouge.

Kuva kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 22 Ntwarante abantu bagera kuri 15, barishwe bivuye ku bitero vya bamwe mu bitwaje ibirwanisho, aho bagiye baratera bimwe mu birindiro vy’ingabo z’ibihugu vya Afrika hamwe n’Ubufaransa. Ivyo bitero vyabereye muri quartier ya PK-5, ahasanzwe hadandarizwa n’abantu benshi, ndetse hakaba hasanzwe harwiriye abantu b’inkozi z’ikibi batandukanye harimwo uturwi tw’abicanyi hamwe n’abasuma, iryo shirahamwe rikaba ryashoboye kwegeranya ibiziga vy’abantu 15 bishwe, babanje kuraswa.

Abantu batandukanye i Bangui bakaba babayeho mu bwoba butandukanye, mu gihe tumwe mu turwi tw’abasuma n’abicanyi, tuguma tuyogomvya abanyagihugu, tumwe muri utwo turwi, tukaba turimwo aba anti-balaka barwiriyemwo abayita abakristu. Abanyagihugu baba ku murwa mukuru w’ico gihugu, bakemeza ko, iyo hataba abasirikare mpuzamakungu baroyeyo gufasha gucungera umutekano, inganda ziba zaratikiye gusumba.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.