Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Umuhari mushasha w’abarwanyi wavutse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Umuhari mushasha w’abarwanyi wavutse

Centrafrika : Umuhari mushasha w’abarwanyi wavutse

jeudi 10 Ndamukiza 2014

Umuhari mushasha w’abarwanyi mu gihugu ca Centrafrika wavutse, uwo nawo ukaba witwa l’Organisation de la résistance musulmane centrafricaine (ORMC).

Uwo muhari ukaba watangujwe n’umwe mu bigeze kuba abahanuzi ntayegayezwa mu biro vya Michel Djotodia yahoze ari umukuru w’igihugu ca Centrafrika. Umukuru w’uyo muhari w’abarwanyi, akaba agabisha igisirikare c’igihugu c’Ubufaransa kiriko kirafasha kugarukana amahoro muri Centrafrika kudahirahira ngo bake ibirwanisho abarwanyi ba ORMC, nk’uko bimenyeshwa na Abakar Sabone, umukuru w’uyo muhari.

Abakar Sabone rero akaba atari iryambere agiye mu batanguza imihari y’intagondwa aho muri ico gihugu ca Centrafrika, kuko ari no mubatanguje umuhari SELEKA, ndetse akaba ari no mubahanuzi ba mbere b’uyo muhari. Avuga ko aba Anti balaka babateye, kandi nabo bagiye kwivuna atakinya. Mukamenya ko ico gihugu kimaze iminsi mu ntambara zitandukanye, gushika yaho zahavuye zifata intumbero y’amadini. Ubu ibihugu bitandukanye harimwo n’Uburundi, bikaba biriko biragira ibishoboka mu gufasha kugarukana amahoro.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.