Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Umushikiranganji yatorotse ibohero yagirwa gushurashuza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Umushikiranganji yatorotse ibohero yagirwa gushurashuza (...)

Centrafrika : Umushikiranganji yatorotse ibohero yagirwa gushurashuza umwana

mardi 21 Ndamukiza 2015

Romaric Vomitiadé umushikiranganji w’ingenzi n’imico kama mu gihugu ca Centrafrika yatorotse ibohero, aho yaheruka gucibwa imyaka ibiri adasohoka, yagirwa ugushurashuza akana k’akigeme.

JPEG - 103.7 ko
Romaric Vomitiadé umushikiranganji w’ingenzi n’imico kama mu gihugu ca Centrafrika

Ghislain Grezenguet umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika aremeza ayo makuru, akavuga ko Romaric Vomitiadé yatorotse, mu gihe yari apfungiwe mu biro vy’abajandarume bajejwe amatohoza kuva ku wa 8 Ndamukiza, gushika kuri uyu wa gatatandatu, igenekerezo rya 18 Ndamukiza , kugira ace ajanwa mw’ibohero, aho yari kumara ico gihe cose apfungiwe. Romaric Vomitiadé umushikiranganji w’ingenzi mu gihugu ca Centrafrika, akaba yatorotse, abanje guhenda abajandarume ko amagara amukitse, agira asimbire kwa muganga, ayandi makuru nayo, akavuga ko yagomba guca mu biro vyiwe aho yakorera.

JPEG - 114.6 ko
umukuru w’igihugu Gatarina Samba Panza

Uwo mushikiranganji akaba yashurashuje akigeme k’imyaka 16, igihe yari mu bikorwa vyamuhuza n’abanyagihugu bo mu karere k’Uburaruko i Yaloké, ku wa 24 gushika ku wa 25 Nzero, muri iryo joro nyene, akaba ari naho, yakoze iryo shano. Bimaze kumenyekana ko hari umushikiranganji yagotse kuri ako kana, umukuru w’igihugu Gatarina Samba Panza, akaba yasavye ko umushikiranganji yobanza agakurwako ubudahangarwa, akitaba ubutungane.

Itoroka ryiwe risa n’iryababaje abatari bake aho muri Centrafrika, abajandarume basanzwe barongoye aho yari apfungiwe, canke abayobozi babo ku rwego rw’igihugu, umwe wese akaba yikurako itoroka rya Romaric Vomitiadé umushikiranganji w’ingenzi n’imico kama mu gihugu ca Centrafrika, ndetse asanzwe ari muri Reta aserukira abarwanyi ba anti BALAKA, mu gisata c’umutekano bagasaba ko hokorwa amatohoza, abamutorokesheje, canke abamuretse akagenda atawumuherekeje bagafatwa, ku gatwe kabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.