Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrike:François Bozize yemeye Reta ihuriyemwo bose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Centrafrike:François Bozize yemeye Reta ihuriyemwo bose

Centrafrike:François Bozize yemeye Reta ihuriyemwo bose

lundi 31 Kigarama 2012

Umukuru w’igihugu ca Centrafrique François Bozize yarashikirije ijambo abanyagihugu kuri uno wa kane itariki 27 kigarama aho yamenyesheje ko hagiye gushingwa reta ihuriyemwo bose.

Nkuko vyamenyeshejwe n’umukuru w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika inyuma y’umubonano bagiranye na François Bozize umukuru w’igihugu ca Centrafrique,ngo umukuru w’igihugu ca Centrafrique,yaremeye gushiraho reta ihurikiwemwo na bose inyuma y’ibiganiro bazogirana n’umurwi w’abarwanyi wa Séléka i Libreville ngo yaremeye kandi ko atazosubira kwitoza mu matora ategekanijwe mu mwaka wa 2016.Umukuru w’igihugu ca Centafrique yarasavye kandi ko yobonana na mugenziwe w’igihugu c’UBufaransa François Hollande.

François Bozize yaremeye kandi ko yiteguriye kuja I Libreville hamwe n’abandi bakuru b’ibihugu bobimusaba kandi ngo akaba yiteguye kuganira n’umuhari urwana wa Séléka mu ntumbero yo gushiraho reta ihurikiwemwo na bose.

Kubwo umukuru w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika Boni Yayi,ngo François Bozize yaramwemereye kandi ko atazosubira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu kandi ko azokwubahiriza ibitegekanwa n’ibwirizwa nshingiro.

Umukuru w’igihugu ca Centrafrique yaboneyeho akaryo ko gusaba mugenziwe w’igihugu c’UBufaransa François Hollande ko bobonana nimba uko ibikorwa vyiwe bitunganije vyobimworohereza.

Akaba yabandanije amenyeshako muri uwo mubonano n’umukuru w’igihugu c’UBufaransa ko koba akaryo ko kuganira ku bibazo bihanze igihugu ca Centafrique cahuye n’ibibazo vyinshi kandi gisa nuko cahebwe.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.