Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrique : Abantu 11 bitavye Imana harimwo n’umushingamateka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrique : Abantu 11 bitavye Imana harimwo n’umushingamateka

Centrafrique : Abantu 11 bitavye Imana harimwo n’umushingamateka

lundi 10 Ruhuhuma 2014

Imishamirano idasanzwe ivanze n’ubusahuzi yaraye ibaye mu gisagara ca Bangui yatumye abantu bagera kuri 11 bahasiga agatwe, harimwo n’umushingamateka. Aho hari mu gihe umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Ubufaransa yari mu gihugu ca Tchad gutanguza isekeza rishasha yitiriye Centrafrika.

Amakuru ava mu gihugu ca Centrafrika amenyesha ko imishamirano yabaye kuri uyu w’Imana wa 9 Ruhuhuma 2014 i Bangui yahitanye abagera kuri 11 harimwo n’umushingamateka vy’imfatakibanza, Jean-Emmanuel Ndjaraoua.
Ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu muri Centrafrika rikamenyesha ko iyo ndongozi yaserukira akarere ka Kotto yo hejuru yoba yitavye Imana inyuma yo kuraswa. Aho ni mu gihe yariko yiyamiriza ubwicanyi bwariko bubera mu gace aturukamwo ari naho hapfiriye abatari bake.

Umuryango w’umuhisi Jean-Emmanuel Ndjaraoua uvuga ko yishwe arashwe n’amasasu agera ku munani n’abagizi ba nabi igihe yari kw’ipikipiki asubiye ku muhana iwe.
Abanya Centrentrafrika bakavuga ko bababajwe n’urupfu rw’uwo mushimamateka kuko yari intwari mu gihugu. Bakibaza ko yoba yazize ivyiyumviro vyiwe birashe, kandi ngirakamaro ku gihugu.

Mu nama idasanzwe yahuje indongozi mu nama nshingamateka i Bangui, abashingamateka bahamagariye umushikiranganji wa mbere kwihweza ibijanye n’umutekano muke urangwa mu guhugu hamwe n’uruhara rwa Reta mu guhagarika ibikorwa vyose bigayitse bikorwa n’abahoze ari aba Seleka, hamwe n’abatavuga rumwe na Balaka babandanya batera akajagari mu gihugu.

Mwomenya ko Jean-Emmanuel Ndjaraoua yitavye Imana yari umwe mubagize umurwi CNT (Conseil National de Transition), akaba kandi yahora aserukira ibiro vya Haute-Kotto mu buseruko bwa Centrafrika. Urupfu rwiwe rwababaje abagize umurwi CNT, kuri uwu wa mbere akaba ariho bitegekanijwe ko barangiza n’inama bahoramwo, kakaba n’akaryo kandi baza gufata mukwibuka uwo babuze batanka.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.