Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrique : Abantu 50 nibo bishwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrique : Abantu 50 nibo bishwe

Centrafrique : Abantu 50 nibo bishwe

mercredi 25 Ruheshi 2014

Mu karere ko hagati y’igihugu ca Centrafrika, abantu bashika kuri 50 nibo bishwe mu ntureka zivuye ku bwicanyi bw’abanyislamu 17.

Abantu bashika kuri 50 nibo bishwe, kuri uno wa mbere igenekerezo rya 23 Ruheshi, mu gihugu ca Centrafrika mu karere ka Bambari, mu ntureka zabaye zivuye ku bwicanyi bw’abantu 17 b’abanyisalamu, nk’uko vyashikirijwe n’igisongerezi mu ngabo za Afrika (MISCA).

Abantu bashika 50 nibo bishwe ku munsi wa mbere mu ntureka zimaze iminsi mu karere ka Bambari hamwe n’uduce tuhakikuje. Abenshi muri abo bahasize ubuzima bishwe n’inkoho. Ivyo biharuro akaba arivyo bimaze kumenyekana muri izo ntureka zatanguye ku munsi wa mbere.

Abo 17 bishwe bose bava mubo bita "peuls", bishwe n’urwaruka rwitaje ibirwanisho rwavuga ko ari aba anti-balaka, mu gitero aho babasanze bari. Ibiziga vyabo bimwe bikaba vyaraturiwe ibindi birakatakurwa n’izo nkozi z’ikibi. Izo ntureka zabereye hafi y’i Bambari, hagati mu gihugu ca Centrafrika. Ako gasagara k’i Bambari kakaba kamaze iminsi mu ngwano hagati y’umurwi Seleka hamwe n’aba anti-balaka bagirizwa kuba barateye abo ba "peuls". Aba anti balaka bakaba barahira bakarengwa ko ata ruhara na rumwe bafise muri ico gitero cabaye kuri uno wa mbere.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.