Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrique : Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryiteguriye gushigikira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrique : Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryiteguriye gushigikira (...)

Centrafrique : Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryiteguriye gushigikira MISCA

jeudi 30 Nzero 2014

Umutekano muke urangwa mu gihugu ca Centrafrika ugeze ku rwego ruraje inshinga ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, ari nayo mpamvu hategekanijwe inama yo kwegeranya uburyo bwo gushigikira igisirakare ca MISCA (Mission Internationale de Soutien à la Centrafrique).

Iyo nama itegekanijwe kw’igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2014, izoba igizwe n’abiyemeje gutanga uburyo bwo gushigikira igisirikare ca MISCA, i Addis-Abeba mu gihugu ca Ethiopie. Ikazoba igize kandi iya 22 y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika yari yugurujwe kw’igenekerezo 21 Nzero 2014.
Mu nama nshingwabikorwa yaheruka gukorana kw’igenekerezo rya 28 Nzero 2014, hihwejwe uburyo bukenewe, hari humvikanywe amafaranga agera ku miriyoni 500 y’amadorare y’abanyamerika, ivyo bigasaba ko hokwitanga ibihugu bigera 110 vyifadikanije n’amashirahamwe mpuzamakungu.

Gushika ubu, umutekano uracifashe nabi mu makaratiye hagati mu gisagara ca Bangui, ari naho ico kibazo caciye gihagurukirwa n’amakungu, ubu kikaba kiriko kirigwa ku rwego rw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.