Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrique : Michel Djotodia yoba agire atange imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrique : Michel Djotodia yoba agire atange imihoho

Centrafrique : Michel Djotodia yoba agire atange imihoho

jeudi 9 Nzero 2014

Amakuru ariko avugwa mu bimenyeshamakuru bitandukanye vyo muri Centrafrika avuga ko Michel Djotodie, umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza yoba agire atange imihoho mu gihe hiteguriwe inama y’ibihugu bigize umuryango wa CEEACE ( Communauté Economique des États d’Afrique Centrale ).

Michel Djotodia yoba agire atange imihoho mu gihe hari hiteguriwe inama y’ibihugu bigize umuryango wa CEEACE kuva kuri uno munsi wa kane igenekerezo rya 9 Nzero gushika kugenekerezo rya 10 Nzero 2014 i N’Djamena. Ibimenyeshamakuru bitari bike bivuga vyemeza ko Djotodia yategerezwa gutanga imihoho kuri uno munsi wa kane.

Umwe mubagendanyi ba Michel Djotodia avuga ati : "Ubu vyarangiye ivya Djotidia." N’umutegetsi w’imigenderanire mu gihugu c’Ubufaransa akaba yemera ko Michel Djotodia asa n’uwuhava atanga imihoho kuko n’umukuru w’igihugu ca Tchad Idriss Deby yahora amushigikira yamukuyeko amaboko.

JPEG - 28.8 ko
Michel Djotodia

N’aho inkuru yo gushobora gutanga imihoho yatangaje abategetsi b’abanyafrika batari bake, twokwibutsa ko ku munsi w’Imana igenekerezo rya 5 Nzero 2014, Michel Djotodia, umukuru w’igihugu ca Centrafrika vy’imfatakibanza yari yamenyesheje imbere y’abategetsi mpuzamakungu ko yiteguye kuva ku butegetsi mu gihe bomubwira ko ariwe ntambanyi yo kugarukana amahoro mu gihugu ciwe.
Ariko rero, umushikiranganji ajejwe gutumatumanako amakuru, Adrian Poussou hamwe n’abandi bajenama biwe bakaba babeshuje ivyo gutanga imihoho vya Djotodia.

Ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu wa 8 Nzero 2014, Michel Djotodia ari kumwe n’umushikiranganji wa mbere Nicolas Tiangay hamwe n’umukuru w’umurwi w’igihugu mfatakibanza, Alexandre Ferdinand Nguendet baritavye ubutumire mu gihugu ca Tchad ahagiye kubera inama y’ibihugu bigize umuryango wa CEEACE. Aho mukamenya ko n’icegerea ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Bernard Busokoza ari mu bitavye iyo nama rukokoma ku butumiwe yahawe wenyene n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’igihugu ca Tchad, Faki Mphamat.

Abatari bake harimwo n’abategetsi ba CEEACE bakibaza uwohava asubirira Michel Djotodia mu gihe yotanga imihoho na rirya n’umushikiranganji wa mbere Nicolas Tiangaye bivugwa ko yohava amusubiririra atakicizewe na gato muri Centrafrika, hamwe no gutinya ivyohava bishika mu gihe abahoze ari aba Selaka bokwumva ko indongozi yabo yavuye ku butegetsi. Ivyo bikaba vyanatumye Herbert Gontran Djono-Ahaba, umushikiranganji w’ubutare n’agataka, Arnaud Djoubaye Abazene, umushikiranganji wo gutwara ibintu baba barahungisha imiryango yabo mu bindi bisagara.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.