Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrique : Ni nde yoba agiye gusubirira Michel Djotodia? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrique : Ni nde yoba agiye gusubirira Michel Djotodia?

Centrafrique : Ni nde yoba agiye gusubirira Michel Djotodia?

lundi 13 Nzero 2014

Abagize urwego rukuru rw’igihugu vy’agategekenyo rugizwe n’abantu bagera kw’135 baraye bahamagajwe n’itegeko ryashinzwe kugira batore uwugiye gusubirira Michel Djotodia.

Alexandre Ferdinand Nguendet, umukuru w’igihugu wa Centrafrika vy’agategekanyo muri kino gihe hataratorwa uyundi, kuri uyu w’ Imana wa 12 Nzero yarashize umukono ku rwete ruhamagaza abagiye gufashanya nawe gutora umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza muri Centrafrika agiye gusubirira Michel Djotodia. Abatari bake bakaba bariko baribaza ubu uwugiye kuja mu kibanza ca Djotodia

Bimwe muvyipfuzwa muri kino gihe mu gihugu ca Centrafrika, akaba ari uko hoja umukuru w’igihugu yitayeho cane ikibazo co kugarukana umutekano hamwe no kugikurikiranira hafi.

Bamwe bakibaza ko ashobora kuba ari intwazangabo Gailloty Bibanga, ifise ipete rya Général mu gisirikare asanzwe kandi ari no mu biro bikuru vy’intwazangabo za CEEACE, canke akaba Parfait Mbaye afise ipete rya Général nyene mu kijandarume, akaba yabaye kandi n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, canke akaba Anicet Saulet afise ipete rya colonel asanzwe ari n’uwuserukira Centrafrika mu gihugu ca Egiputa.

Ariko n’aho hanurwanurwa aho bagabo batatu, hari n’abandi bavugwa kandi bipfuzwa kubonwa muri ico kibanza, aho hakavugwa Karim Meckasso, Désiré Kolingba yahoze ari umunyamabanga mukuru wa Reta. Hakaba kandi n’abiyumvira Jean-Jacques Demafouth yahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi na Josué Binoua yahoze nawe ari umushikiranganji.

Mu gihe bivugwa ko kimwe mu bisabwa nyamukuru kugira basubirire Djotodia, ari kuba ushobora gusubiza hamwe imiryango y’abakirisu n’iy’aba islamu, abenshi bibaza ko yoba ari umuntu ataho yegamiye muvya politike nk’umukuru w’igisagara ca Bangui Catherine Samba Panza canke nka Béatrice Epaye asanzwe yitaho cane abana bo mw’ibarabara.

Mwomenya kandi ko na Alexandre-Ferdinand Nguendet akekwa kuba ashobora gusubirira Michel Djotodia kubw’abanywanyi batari bake afise bamushigikiye mu kiringo c’amezi agera kw’icenda amaze ari mu bushingamateka.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.