Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrique : Umukuru w’igihugu yiteguriye gufasha urwaruka ruri mu mirwi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrique : Umukuru w’igihugu yiteguriye gufasha urwaruka ruri mu mirwi (...)

Centrafrique : Umukuru w’igihugu yiteguriye gufasha urwaruka ruri mu mirwi irwana

mercredi 22 Nzero 2014

Umukuru w’igihugu mushasha Catherine Samba Panza, bitegekanijwe ko azorahira ku munsi wa kane, yiyemeza ko azohindura isura y’ico gihugu mu guha kazoza keza urwaruka ruri mu mirwi irwana.

Kuri uwu wa gatatu, igenekerezo rya 22 Nzero, mu mabarabara y’igisagara ca Centrafrika, abantu barasubiye gutembera ukuri kwamye. Abanyagihugu baganiriye n’ikinyamakuru AFP kuva indwano yaduka mu gihugu ca Centrafrika guhera mu kwezi kwa Kigarama baremeza ko agahengwe kari kose kuko ata rusasu na rumwe bigeze bumva ruvuze, ivyo rero bikaba vyaheruka kera.

Ariko rero, abasirikare bava mu gihugu c’Ubufaransa, abasirikare b’abarundi n’abandi bagiye kugarukana amahoro muri ico gihugu bo bavuga ko ivyo gukora kugira umutekano ugaruke bigihari naho abanyagihugu hamwe n’amakungu basa n’abanezerejwe n’itorwa ry’umukuru w’igihugu mushasha. Uwo mukuru w’igihugu mushasha azorahira ku muhingamo wo ku munsi w’ejo asubiriye mu kibanza ca Michel Djotodia.
Michel Djotodia akaba yatembagaje intwaro ya François Bozize mu kwezi kwa Ntwarante 2013, ariko akaba yasabwe n’amakungu gutanga imihoho ku genekerezo rya 10 Nzero 2014, kuko vyari vyamunaniye guhagarika ubwicanyi hagati y’abakirisu hamwe n’abanya isiramu.

JPEG - 127.4 ko
Catherine Samba Panza, umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza wa Centrafrika

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Bangui, umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza wa Centrafrika yagize ati : "Dufise urwaruka rwinshi ruri mu mihari irwana yaba abari mu muhari Seleka, hamwe n’aba anti balaka. Mu gihe twoheba urwo rwaruka rukaja mw’ibarabara nta muti tuzoba dutoye."
Catherine Samba Panza akaba yabandanije agira ati : "Tuzoraba uburyo twoha urwo rwaruka kuko akenshi baja mu bikorwa vyo kurwana kuko mu mihana iwabo baba bazigirijwe n’ubukene bwinshi hamwe ata na kazoza babona. Turakwiye rero kubumviriza, tukamenya ivyo bakeneye, tugasubiza mu buzima busanzwe urwo rwaruka, aho inkoho ariyo bagize ivyizigiro vyabo vyo gushobora kuronka ico batamira."

Catherine Samba, umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza avuga ko afise intambamyi y’amafaranga kuko ikigega cera. Ariko rero si bishasha muri ico gihugu kuko nk’abakozi ba Reta baheraniwe nk’imishahara y’imyaka idwi canke umunani.
"Nta mahera dufise mu kigega ca Reta muri kino gihe. Tutarishe abakozi ba Reta ntibazokunda ko basubira ku kazi kugira bongere bafashe itwaro aho ibikorwa vyinshi bisa n’ivyari vyahagaze."

Ku munsi wa mbere abasanzwe bafasha ico gihugu bakaba bariyemeje kurekura imiriyoni 496 z’amadorare.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.