Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrique:Uwahora arongoye abasoda ba MINUSCA yatanze imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrique:Uwahora arongoye abasoda ba MINUSCA yatanze imihoho

Centrafrique:Uwahora arongoye abasoda ba MINUSCA yatanze imihoho

jeudi 13 Myandagaro 2015

Uwahora arongoye abasirikare bo mu rwego rwa ONU mu gihugu ca Centrafrika Babacar Gaye yaratanze imihoho mu kurongora abo basirikare kuwa gatatu igenekerezo rya 12 Myandagaro 2015.

Babacar Gaye yatanze imihoho abisabwe n’unyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-Moon,inyuma y’aho hari abasirikare bakora mu rwego rwa Minusca bagiririjwe gufata abana ku nguvu.

Ban Ki-Moon yavuze ko yemeye itangwa ry’imohoho rya Babacar Gaye arongoye Minusca,akaba ashima igikorwa caranguwe na Babacar Gaye mu bijanye no gushigikira amahoro,umutekano no gusubiza hamwe.

Umunyamabanga mukuru wa ONU avuga ko atazokwihanganira uwariwe wese yotuma hagaruka ubwoba.Amenyesha ko umuntu wese akora mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ategerezwa gukora yisunze ivyiyumviro vya ONU.

Babacar Gaye w’ipete rya General yatanze imihoho inyuma yaho ishirahamwe Amesty International imenyeshereje umwana yafashwe ku nguvu,hamwe n’umuvyeyi n’umwana basinzikarijwe ubuzima n’abasirikare bo mu rwego rwa ONU muri Minusca.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.