Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrique: Uwutavuga rumwe na Reta agiye kuba umushikiranganji wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrique: Uwutavuga rumwe na Reta agiye kuba umushikiranganji wa (...)

Centrafrique: Uwutavuga rumwe na Reta agiye kuba umushikiranganji wa mbere

dimanche 13 Nzero 2013

Nk’uko itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP ribivuga mu makuru ryakuye ku ruhande rw’abatavugarumwe na Reta ya Centrafrika, Nicolas Tiangaye umushingwamanza akaba n’uwutavugarumwe na Reta ya Centrafrika niwe yatanzwe n’abatavugarumwe na Reta ngo azobe umushikiranganji wa mbere wa Centrafrika muri Reta y’ubumwe ivuye mu masezerano y’amahoro y’i Libreville hagati ya Reta n’umurwi uyirwanya.

Nk’uko umushingwamanza Tiangaye yabivuze, ngo yatanzwe n’abo bari kumwe,bakaba barungikiye izina ryiwe umukuru w’igihugu François Bozize kuri uno wa gatandatu bakaba rero ngo barindiriye ko agenwa.

Umwe mu batavugarumwe na Reta ya Centrafrika kandi akomeye yaremeje iyo nkuru akaba yavuze ko batoye bose Tiangaye kandi ko bamushigikiye.

Amasezerano yo guhagarika ingwano y’i Libreville akaba ategekanya ko Bozize azoguma k’ubutegetsi kugeza ikiringo ciwe kirangiye mu mwaka w’2016 ariko ko adashobora gukura uwo mushikiranganji wa mbere mushasha imbere y’uko ikiringo nfatakibanza c’amezi 12 gihera.

Igenwa rya Tiangaye ryari ryagumye ari ibanga gushika kuwa gatandatu barindiriye kubanza kubishikiriza umukuru w’igihugu kugira babitangaze ku mugaragaro.

Nicolas Tiangaye akaba afise igikorwa kitoroshe kuko ategerezwa gushiraho Reta ihuriyemwo abatavugarumwe na Reta,abo muri Reta ,abo mu murwi w’abarwanyi wa Seleka,abahoze barwana bashize umukono ku masezerano ubwa mbere hamwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za Reta.

Nicolas Tiangaye akaba azwi cane kuko yabaye umukuru w’umurwi w’agateka ka zinamuntu muri Centrafrika,yararongoye inama nshingamateka nfatakibanza mu mwaka w’2003 inyuma y’aho Bozize afatiye ubutegetsi akaba kandi ari mu banditse ibwirizwa nshingiro ryemejwe mu mwaka w’2004.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.