Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CHAN 2014: Abakinyi b’Intamba mu Rugamba bakwiye gutegurwa hakiri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CHAN 2014: Abakinyi b’Intamba mu Rugamba bakwiye gutegurwa hakiri (...)

CHAN 2014: Abakinyi b’Intamba mu Rugamba bakwiye gutegurwa hakiri kare

mercredi 31 Mukakaro 2013

Inyuma y’aho abakimyi b’intamba mu Rugamba batahukiye i Burundi bazanye intsinzi ku murwi nserukiragihugu wa Sudani, abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi baribaza ibigiye gukurikira, mu gihe bariko baritegura kuja mu nkino za nyuma z’imirwi nserukiragihugu yatsinze iyindi muri Afrika (Championnat d’Afrique des Nations) CHAN izobera mu gihugu ca Afrika y’Epfo mu mwaka uza.

Dominiko Niyonzima asanzwe akarihiriza ubwenge abamenyereza asaba Leta ko yokwitaho uyo murwi kugira ntuze useruke mu gihugu ca Afrika y’Epfo muri ayo mahiganwa ataco baserukanye. Uburyo bukenewe bwotangwa hakiri kare, mu ntumbero yo gutegura abakinyi kugira baze batsinde muri ayo mahiganwa.

Dominiko Niyonzima abandanya avuga ko benshi mu bakinyi bakinye muri mu gihugu ca Sudani, basanzwe bakina mu mirwi iharanira gutsinda iyindi mu gihugu, ivyo rero bigatuma bagumana ishaka ryo kuguma bagira amahiganwa menshi, ari naco gituma asaba ubushikiranganji bw’inkino, ko inyuma y’urwo rukino rutegekanijwe mu gihugu ca Afrika y’Epfo, ko hoba ukwegeranya abo bakinyi kugira babakurikiranire hagufi.

Ku bwa Niyonzima avuga ko hogwizwa inkino za kivandimwe kuri uyo murwi nserukiragihugu w’Uburundi, bikaba vyofasha cane abakinyi kwama bariko baranagura ubuhinga mu mupira w’amaguru, n’ukwinagura hagati yabo nyene.
Tukaba twobibutsa ko CHAN itegekanijwe mu kwezi kwa Ruhuhuma mu mwaka uza w’2014, mu gihugu ca Afrika y’Epfo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.