Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi bwafashe isonga ry’itsinda D mu gutsinda Mauritanie 3 kuri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uburundi bwafashe isonga ry’itsinda D mu gutsinda Mauritanie 3 kuri (...)

Uburundi bwafashe isonga ry’itsinda D mu gutsinda Mauritanie 3 kuri 2

samedi 18 Nzero 2014

Umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru, Intamba mu rugamba waraye utsinze uwa Mauritanie. Iyo ntsinzi yatumye Uburundi bufata ikibanza ca mbere mw’intsinda canke umurwi D.

Ku kibuga c’i Polokwane muri Afrika y’Epfo, umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru w’Uburundi waratanye mu mitwe n’umurwi wo muri Mauritanie. Urukino rwabonetse rutari rworoheye umurwi n’umwe muriyo ibiri. Umurwi w’Intamba mu rugamba waronse igitsindo ca mbere ku munota wa 12 urukino rutanguye. Ico gitsindo kikaba cinjijwe na Abdoul Fiston. Igitsindo ca kabiri kikaba cinjijwe na Christophe Nduwarugira "Lucio inyuma y’umwanya w’akaruhuko, ku munota wa 61.

Mu gice ca mbere c’urukino, umurwi w’Intamba mu rugamba wararonse ico bita "penalties", ariko itavyaye igitsindo kuko kizigenza w’umurwi, Selemani Nduwimana yayiteye arayihusha. Ivyo bitsindo bibiri vyari bimaze kuboneka, umurwi wa Mauritanie warabigomboye maze urukino rusa n’urusubiye ibuti.

Mu mwaya wategekanijwe n’amategeko y’urukino rw’amaguru, iminota 90, wararangiye iyo mirwi yose inganya ibitsindo 2 ku bindi. Urukino rwongewe umwanya w’agasunuzo ungana n’iminota 3. Ku munota wa nyuma w’urukino, Selemani Nduwimana, ari ku metero zigera kuri 25 ry’izamu rya Mauritanie, yarateye umunyaku muremure maze uvamwo igitsindo. Ico gitsindo kikaba caciye giha intsinzi umurwi w’Intamba mu rugamba. Gutyo Uburundi buba bufashe ikibanza ca mbere mw’itsinda D.

Kuri iyo ntsinzi y’umurwi Intamba mu rugamba, Uburundi bwakwije amanota 4. Umurwi wa Mauritanie ukaba waciye usezera ihiganwa rya CHAN 2014. Ubu, Uburundi bukaba bwiteze kuzohura n’umurwi wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Urwo rukino rukazoba kw’igenekerezo rya 22 Nzero 2014, akazoba ari ku munsi wa gatatu w’indwi.

INGABIRE Luc-Noel

Messages

  • Bahejeje gukora ibikora inka!ivyo ndiko mbona mu mabarabara binyibutsa Ndadaye ahejeje gutsinda muri 1993.

  • Abarundi turanezerewe cane kutsinzi turonse amakungu yabonye k’uburundi atarubwo guta mundasa,nimukomere bakinyi Imana irikumwe natwe

  • Ndanezerewe caaane gose ewe burundi bwacu muriyerekanye mumakungu muraduteturuye miyabaga yacu twebwe abarundi turasabiye imigisha uburundi

  • courage oyeeeeeeeeeeeeee

  • very proud to see u there..........biranezereje

  • Ndashimiye abarundi bitanze ivyumwihariko abakinyi babuserukiye coch wapanze abakinyi neza uri umugabo burundi oyeee aha mubona natwe tuba hano muri afica yepfo ntitwaryamye kubera ivyishimo congo yo ntabwoba iduteye ariko ha inpanuro capiteni agire urufasoni nicubahiro.areme turabasengera bazotsinda ahumure ntibazomuhe ikarita itukura.

  • Big up ku ntamba ku rugamba nanjye nishimiye intsinzi ahasigaye nibitegure neza match ya RDC kuko match nul izatuma Intamba zijya mu kiciro gikurikira. Uwanditse inkuru umengo yibeshye kuko Mauritanie niyo yabanje gutsinda igitego Fiston aracishura, Christophe ashiramo icya 2 Mauritanie baracishura naho Seleman ashiramo agashinguracumu.

  • Lambert Ndikuriyo, uwo mu menyeshamakuru yanditse iyo nkuru ntiyihenze, yabuze ku ruhande rw’umurwi w’Intamba mu rugamba. kuko ubundi ibitsindo vyose vyinjiye mu rukino, ntiyabitondetse uko vyinjiye. ntiyagize nka Compte rendu y’inama.

    Hama nanje ndakeje umurwi w’INTAMBA MU RUGAMABA, mu komeze muduteturura...turikumwe namwe.

  • Lambert Ndikuriyo, uwo mu menyeshamakuru yanditse iyo nkuru ntiyihenze, yavuze ku ruhande rw’umurwi w’Intamba mu rugamba. kuko ubundi ibitsindo vyose vyinjiye mu rukino, ntiyabitondetse uko vyinjiye. ntiyagize nka Compte rendu y’inama.

    Hama nanje ndakeje umurwi w’INTAMBA MU RUGAMABA, mu komeze muduteturura...turikumwe namwe.

  • Ndakeje cane umugwi w’intamba hanyuma mu nkino zikurikira Fiston nukumuha uwundi mu buteur amufasha imbere kuko ejo vyarabonetse ko naho yinjije vyagumye bimugora ari wenyene

  • Ndakeje cane umugwi w’intamba hanyuma mu nkino zikurikira Fiston nukumuha uwundi mu buteur amufasha imbere kuko ejo vyarabonetse ko naho yinjije vyagumye bimugora ari wenyene

  • Intamba murugamba aratumenyekanishike,umuntu yakuba where do you coming from?umwishuye I’m coming from Burundi nukuri ntibahumve,mugabo uzuve ngo mva muri RDC aahhh I know!none ubu iyo miyabaga iratudugirije ibendera,nimukomere kumuheto.

  • Ndakeje cane intamba kuko zarigenjej neza mais conseil notanga nuk uwurushe umumenyereza yomuramplaca kugira abandi nabo baronk opportunite yo gukina

  • Naje vyaranezeye Imana ishimwe
    bakomere kimwe capitene bamuhimpanuro yukuntu yokwitwaraneze numukino batangiye yashatse guterana majambo numukinyi womuri Gabon murakoze nimukomere turinyumayanyu ngaha

  • Tollo ndemeranya nawe staff technique igomba kwegera Seleman ikamugira inama kuko ntazi kwihangana na gato iyo abaye provoque, Capitaine agomba kuba exemplaire nka match y’ejo kuri kariya ka geste ko gutera umutwe umukinyi wa Mauritanie iyo arbitre abaadashira mu gaciro ngo arebe kure yari kumuha carton rouge. Ubundi nibatere Congo itahe yimyiza imoso. Courage bene wacu

  • Numunezero ntangere kubera umurwinserukira gihugu c’Uburundi watsinze! murateyiteka abarundi nuburundi nimugende muraduhaye umunezero ntangere,Ramba.

  • Nukuri Intamba Zaraye Ziduhayiteka Mumakungu.

  • Ahubwo ibintu intamba zaraye zikoze n’agatangaza.

    Leta irakwiye gushinga ishirahamwe rifasha abakinyi b’umurwi w’igihugu kubaho neza,nkuko n’ahandi mu bindi bihugu basanzwe babikora.

    bobagaburira neza,bakabitaho mu bijanye n’ubuzima bwabo,mu gihe umukinyi aba agikinira umurwi w’intamba.

    erega hariho ibintu vyotuma uburundi bumenyekana neza canke nabi! rero ico na co, cotuma uburundi bumenyekana neza.

    komera mwa ntamba mu rugamba,komeraaaaaaaa !!!!!

  • Mwiriwe ewe na bafana bafana nijeria yaraye iyambitse ibara ariko ico nzi co nuko uburundi vyanka vakunda butegerezwa gutsinda congo kuko bariya bavuga iringara ntavyabo bakoresha ibiguvu vyishi amakarita yo yavyo ni menshe gusa bazokoresha amakosa capiten wacu kuko babonye ko atihangana bamutuke canke bamuhonyore kugira asohoke batsinde ariko ndasaba atsinde ishavu ni ingabo yuburundi turamushigikiye na humure itsinzi niye.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.