Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Côte d’Ivoire : Uwahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Côte d’Ivoire : Uwahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu (...)

Côte d’Ivoire : Uwahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yashikanwe i La Haye

dimanche 23 Ntwarante 2014

Charles Blé Goudé, uwahoze ari umushikiranganji w’urwaruka mu gihugu ku ntwaro y’umukuru w’igihugu Laurent Gbagbo yashikanwe muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha i La Haye, yagirizwa uruhara yagize mu bwicanyi bwakurikiye amatora yo mu gihugu ca Côte d’Ivoire.

Uwo Charles Blé Goudé akurikiranwa n’ubutungane mpuzamakungu yahoze ari somambike w’umukuru w’igihugu ca Côte d’Ivoire Laurent Gbagba, akaba kandi yari n’umukuru w’urwaruka rwegukira umugambwe wari ku butegetsi rwica rugakiza ku ntwaro ya Laurent Gbagbo. Charles Blé Goudé yashikirijwe sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye.

Amashirahamwe mpuzamakungu akingira agateka ka zina muntu yamye yagiriza Charles Blé Goudé yahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ko ariwe yatumye haba ubwicanyi kuva muri Kigarama umwaka w’2010, gushika muri Ndamukiza umwaka w’2011, inyuma y’amatora yabaye muri ico gihugu ca Côte d’Ivoire.

JPEG - 9.5 ko
Charles Blé Goudé yahoze ari umushikiranganji w’urwaruka mu gihugu

Charles Blé Goudé yahagaritswe muri Nzero 2013, afatiwe mu gihugu ca Ghana, inyuma y’umwaka urenga yari amaze yinyegeje. Yahambije shebuja, umukuru w’igihugu Laurent Gbagbo apfungiwe i La Haye kuva mu mpera z’umwaka w’2011.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.