Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Charles Taylor yarungitswe mu munyororo w’imyaka 50 mu Bwongereza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Charles Taylor yarungitswe mu munyororo w’imyaka 50 mu Bwongereza

Charles Taylor yarungitswe mu munyororo w’imyaka 50 mu Bwongereza

mercredi 16 Gitugutu 2013

Uwahoze atwara igihugu ca Libéria, Charles Taylor, yarungitswe mu gasho ko mu gihugu c’Ubwongereza kataramenyekana. Aho muri iryo bohero akaba agiye kuhamara imyaka 50 y’umunyoro yaciriwe ku rubanza yaciriwe na Sentare idasanzwe kuri Sierra Leone.

JPEG - 5.5 ko
Charles Taylor

Charles Taylor, uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Libéria yarungitswe mw’ibohero ritaramenyekana ryo mu Bwogereza. Aho akaba agiye kuhamara imyaka 50 y’umunyororo yaciriwe na Sentare idasanzwe kuri Sierra Leone. Igihano c’umunyoro w’imyaka 50 akaba yagiciriwe kuwa 10 Gitugutu. Charles Taylor yagiriwe n’ukuba yaragize uruhara mu ntambara yabaye mu gihugu ca Sierra Leone yabaye kuva muri Ntwarante 1991 gushika muri Nzero 2002.

Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu ca Libéria, ubu afise imyaka 65, yari yandikitse ikete kuri uyu wa mbere uheze asaba kuja kumara uwo munyororo yaciriwe mu gihugu c’Urwanda. Muri iryo kete, Charles Taylor yavuga ati: “ Vyokworoha gusamba kuko mu Rwanda ntivyozimba, kandi umuryango wanje wokworoherwa kuza ku ndaba mu gihugu co muri Afrika gusumba mu Bwongereza” . Iyindi mvo Taylor yavuze akaba ari uko atinya ko ashobora guterwa mw’ibohero ryo mu Bwongereza.

Muri Ndamukiza 2012, Charles Taylor akaba yari yagiriwe n’ukuba yarafashije yongera aratera intege umuhari w’abarwanyi FRU (Front Révolutionnaire Uni) mu ntambara yabaye muri Sierra Leone. Intambara yahitanye abanyagihugu binzirakarengane benshi.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.