Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CHÁVEZ , umuntu agareranywa na Yezu mu maso ya Ahmadinejad - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > CHÁVEZ , umuntu agareranywa na Yezu mu maso ya Ahmadinejad

CHÁVEZ , umuntu agareranywa na Yezu mu maso ya Ahmadinejad

mercredi 6 Ntwarante 2013

Inyuma y’urupfu rwa HUGO Chávez, yahora ari umukuru w’igihugu ca Venezuela, Mahmoud Ahmadinejad, umukuru w’igihugu ca Irani yamenyesheje ko yafata Chávez nka “umumaratiri yakoreye abenegihugu kandi yakingiye ubuntu hamwe n’ingendo yo guhindura ibintu”. Mw’ikete ryo guhoza umuryango wiwe arongera akemeza ko “indwara itazwi” ariyo yahitanye Chávez.

“Ntankeka ko azozuka hampande ya Yezu kandi nka Umuntu atagira agatosi”, Ahmadinejad yongeyeko atyo, yisunze ukwemera kw’aba chiite aho biteze izuka ry’umu imam w’12, “Mahdi”, yapfuye mukinjana c’indwi. Iryo zuka rizobera rimwe nirya Kristu, aho bazoza baje gukiza isi no gutanga amahoro.

Mwomenyako Venezuela arico gihugu ca mbere co muri Amerika y’epfu gicuditse cane na Irani. Vyompi bikaba ari ibihugu bidahisha urwanko bifitiye Leta Zunze Ubumwe Za Amerika. Muri iyi myaka iheze, ivyo bihugu vyarakomeje imigenderanire muvya politike no muvyo ubutunzi.


Ingabire Luc Noel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.