Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Chili: Iriko iragerageza urucanco rwa mbere rw’ibiyayuramutwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Chili: Iriko iragerageza urucanco rwa mbere rw’ibiyayuramutwe

Chili: Iriko iragerageza urucanco rwa mbere rw’ibiyayuramutwe

mercredi 30 Nzero 2013

Ivyavuzwe ku biyayura mutwe bishobora kuba ari ivya kahise kubahinga ba kaminuza ya Chili,mu gisagara ca Santiago.Muri ico gihugu ibice 18 kw’ijana vy’abanyagihugu bakoresha ibiyayuramutwe vyinshi. Ivyo vyavuye ,mw’itohozwa ry’amagara y’abantu,abaganga bariteguye gukora urucanco rwa mbere rwo gukingira ibiyayuramutwe.

Intumbero,yasiguwe n’ikinyamakuru co muri Chilie La Teberca,yerekeye ukuntu ibiyayuramutwe vyo gabanuka n’ukuntu igitigu cokora neza,bituma umunywi wivyo biyayuramutwe atihanganira ibinyobwa vyose biboreza bituma yumva ibimenyetso vyo kuborerwa amaze kuywa ikirahuri ca mbere.

Kuzungurizwa,kumeneka umutwe,gusesemwa,nibindi bishikira nabanywi b’ibiyayura mutwe.Kubera urwo rucanco,ukwipfuza kunywa ibiyayuramutwe bizogabanuka kubera ukuntu rukora”Muganga Juan Asenjo ari mu bashakashatsi b’uwo mugambi, yabivugiye kw’iradiyo cooperative .

Icatumye abashakashatsi bava mu gihugu ca Chili biyumvira gukora urwo rucanco,kubera hatanguye kwibonekeza ihindagurika ry’ibihimba vy’irondoka .Ibiharuro 20% vy’abanyagihugu bo muri asia,bikingira kugwazwa igitigu n’inzoga.Abashakashatsi barashoboye gukora rero ubwo rucanco.Uwo mugera uja mu gitigu ukakibuza kurobanura umwambiro w’ibinyobwa,ivyo bituma haboneka ibimenyetso bitari vyiza

Umuti witwa Disulfiram,ukora kumwe n’urwo rucanco nk’uko bivugwa na La Teberca.Ariko ikoreshwa ry’uwo muti rirafise aho rigeza kuko umuntu ashobora kuwufata, iyo bishitse akawureka agashobora gusubira kugwara igitigu.Urucanco rero rukora mu mezi 6 gushika ku mwaka ivyo bikinga gusubira kugwara.


Cynthia Ntakirutimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.