Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Chine: Abantu 26 barapfuye kubera isanganya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Chine: Abantu 26 barapfuye kubera isanganya

Chine: Abantu 26 barapfuye kubera isanganya

samedi 2 Ruhuhuma 2013

Ikiduga gitwaye ibisasu bituragurika bikarungika umuco mu kirere ivyo bita «feu d’artifice» caraturitse mw’ijoro ryo ku munsi wa gatanu.

Ico kiduga caturitse kigeze ku kiraro naco nyene kikaba caciye gisenyuka, ivyorero bikaba vyahitanye abantu 26. Ico kiduga cari gitwaye ibisasu bizokoreshwa mu minsi mikuru yo kwigina umwaka mushasha izoba mu ndwi iza, abashinwa bakaba basanzwe baturitsa ivyo bisasu mu gihe c’iminsi mikuru ikomeye.

JPEG - 39.7 ko

Ico kiduga cariko gica mwibarabara ryo hejuru kigeze kukiraro c’i Sanmenxia mu ntara ya Henan caciye giturika caka umuriro gihitana n’ikiraro.
Imiduga ishika 25 ikaba yaciye ifatwa n’umuriro uvuye kuri ico kiduga, abantu 9 baca baarapfa ubwonyene, abandi 13 bakomeretse cane bacikanye mu nyuma.

JPEG - 40.7 ko

Uwariko atwara ico kiduga akaba yamenyesheje ko kubona yararokotse ari igitangaza ubonye umuduga yariko aratwara ingene wari umeze, akavuga ko yumvise ikintu giturika hanyuma abona ivyo bisasu biriko birisesa.

Urwamo ruvuye kwiryo turika rukaba gwamaze hagati y’iminota ine n’itandatu nk’uko uyo mushoferi yabishikirije. Hakaba hataramenyekana icateye iryo sanganya.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.