Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Chine: Abarenga 400 bapfuye bahitanywe n’isanganya ry’ubwato - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Chine: Abarenga 400 bapfuye bahitanywe n’isanganya ry’ubwato

Chine: Abarenga 400 bapfuye bahitanywe n’isanganya ry’ubwato

mardi 2 Ruheshi 2015

Abantu barenga 400 bitavye imana inyuma yaho ubwato butwaye ingenzi bwibiye mu kiyaga Yangtsé mw’ijoro ryo kuwa mbere igenekerezo rya 1 Ruheshi,2015.

Nkuko bimenyeshwa n’uwariko atwara ubwo bwato hamwe n’uwujejwe ubuhinga bari mu barokotse,ubwo bwato bwoba bwibiye kubera umuyaga mwinshi waje igihe bwariko burajabuka buva mu gisagara ca Nankin buja i Chongqing.

Abari muri ubwo bwato ni barukerarugendo b’abahumure bafise imyaka iri hagati ya 50 na 80 bavuka mu gisagara ca Nankin na Shanghai,ariko amakuru dukesha ikinyamakuru CCTV avuga ko ubwo bwato bwarimwo abantu 458 ariko ata munyamahanga yarimwo.

Mu gatondo ko kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 2 Ruheshi,umushikiranganji wa mbere w’Ubushinwa Li Keqiang yishikiye kwirabira aho iryo sanganya ryabereye.

Umushikiranganji wa mbere yasanze bigoye gukiza aboba bakiri bazima kuko ico gikorwa kitoroshe kubera umuyaga mwinshi uri muri ico gice c’igihugu.


Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.