Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Chine : Uruyoya rwarokotse mu muringoti w’utuzu twa surwumwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Chine : Uruyoya rwarokotse mu muringoti w’utuzu twa surwumwe

Chine : Uruyoya rwarokotse mu muringoti w’utuzu twa surwumwe

mardi 28 Rusama 2013

Mu gihugu c’Ubushinwa, uruyoya rwaratowe aho rwari rwatawe mu muringoti ujana ubucafu w’utuzu twa sugwumwe.

Ivyo bikaba vyafashe ikiringo kirenga isaha yose kugira urwo ruyoya barurokore. Uwo muringoti w’ubucafu wari w’inyubakwa iri i Jinhua mu ntara ya Zhejiang yo mu gihugu c’Ubushinwa.

Abanyagihugu baba muri iyo nyubakwa, bumvise induru y’uruyoya iva mu miringoti itwara ubucafu bw’utuzu twa sugwumwe, baca baratabaza ari naho abatabara baciye banyaragasa kuza kuraba. Abo nabo ntivyaboroheye kuko babanje gukata umuringoti, naho nyene bigoranye, ariko mu nyuma barashoboye kurokora urwo ruyoya baca bararutwara ku bitaro.

Ubu, amagara y’ako kayoya akaba ameze neza ugereranije n’ubwa mbere.
Kubw’abajejwe kuzimya imiriro, urwo ruyoya rwari rukiri mu ngovyi igihe rwatorwa. Amatohoza nayo akaba yatangujwe n’abajejwe intwaro kubijanye n’ubwo bubisha bwakozwe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.