Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cristiano Ronaldo niwe yatwaye FiFA Ballon d’Or 2013 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Cristiano Ronaldo niwe yatwaye FiFA Ballon d’Or 2013

Cristiano Ronaldo niwe yatwaye FiFA Ballon d’Or 2013

mardi 14 Nzero 2014

Ku biro bikuru vy’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi (FIFA) i Zurich hatanzwe udushimwe ku bakinyi n’abamenyereza bitwaye neza mu mwaka wa 2013.
Umukinyi yigenjeje neza yabaye Christiano Ronaldo akinira Real Madrid na Portugal, ni ku ncuro igira kabiri inyuma y’umwaka w’2008 akinira umurwi wa Manchester United.

Umunyezamu : Manuel Neuer (umudagi / Bayern Munich)

Umumenyereza mwiza w’umwaka : Jupp Heynckes -Bayern Munich

Umumenyereza mwiza w’umugore : Silvia Neid (Ubudagi)

FIFA Présidential Award 2013 : Jacques Rogge yarongoye urwego mpuzamakungu ry’inkino «Jeux Olympiques» kuva mu mwaka w’2008 kugeza mu 2013.

2013 FIFA Fair Play Award, Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afghanistan.

FIFA Puskas award 2013, ako ni agashimwe gahabwa igitsindo ciza. Ako kahawe Zlatan Ibrahimovic akina mu murwi wa Paris-St-Germain. ico gitsindo yatsindiye Suède igihe bariko bakina n’Ubwongereza.

Umukinyi mwiza w’umwaka mu bigeme 2013 ni Nadine Angerer (umudagi).

Umurwi w’umwaka (uwo ni umurwi ugizwe n’abakinyi ba mbere kw’isi): Manuel Neuer (umudage / Bayern Munich), Philipp Lahm (umudage / Bayern Munich), Sergio Ramos (Espagne/ Real Madrid), Thiago Silva (Brazil / Paris Saint-Germain), Dani Alves (Brazil / Barcelona), Andres Iniesta (Espagne / Barcelona), Xavi (Espagne / Barcelona), Franck Ribery (Umufaransa / Bayern Munich), Cristiano Ronaldo (Portugal / Real Madrid), Zlatan Ibrahimovic (Suède / Paris Saint-Germain), Lionel Messi (Argentina / Barcelona)


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.