Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Christophe Nduwarugira : Twiteze intsinzi mu rukino na Tanzaniya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Christophe Nduwarugira : Twiteze intsinzi mu rukino na Tanzaniya

Christophe Nduwarugira : Twiteze intsinzi mu rukino na Tanzaniya

mercredi 4 Kigarama 2013

Umurwi "Intamba mu rugamba" witeguriye urukino ruhava ruwuhuza na Tanzaniya, mu nkino za CECAFA Challenge Cup ziriko zibera mu gihugu ca Kenya. Mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, imbere y’uko bafata urugendo rubashikana ku kibuga bakinirako na Tanzaniya isaha umunani, Christophe Nduwarugira (uwatsinze igitsindo ca mbere mu rukino rw’Uburundi na Somaliya), yamenyesheje mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE ko biteguriye intsinzi.

JPEG - 55.9 ko
Christophe Nduwarugira "Lucio"

Christophe Nduwarugira, mu rukino ruheruka umurwi INTAMBA MU RUGAMBA waratsinzwe na Zambiya. Mbega mwoba mwagize izihe ngorane?

Ingorane twagize ni iyijanye n’ikibuga. Ntihari hameze neza, ivyondo vyari vyinshi cane. Twararonse imyanya yo gutsinda mugabo ntitwayikoresha neza. Abo twariko turakina baca baronka umwanya umwe gusa, babona gutsinda. Novuga ko ari integuro y’Imana.

Urukino rw’uno munsi na Tanzania, ari narwo rubaha uburenganzira bwo kubandanya ihiganwa murwiteguriye gute?

Urukino rwa Tanzaniya n’Uburundi turwiteguriye neza, kandi n’abakinyi bose bameze neza ntangorane n’imwe dufise. Dutegerezwa gutsinda.

Mu rukino rw’uno munsi mu basatirizi ntuzoba uri kumwe na Fiston Abdoulazak, ari nawe yatsinze igitsindo ca kabiri mu rukino rwa mbere na Somaliya. Mbega nta kinogo ubona kizoba gihari mu bakinyi b’imbere?

Ikinogo kizoba gihari kubera Fiston twari tumenyeranye cane gose, mugabo ndizeye n’uwundi (Gentil) azoba ahari. Nizeye ko ahava avyifatamwo neza.


Egide Nduwimana

Messages

  • Arakoze kuturemesha arik umutima wanj uzakurema numvis twatsinz murakoze

  • Arakoze kuturemesha arik umutima wanj uzakurema numvis twatsinz murakoze

  • Imana irabaje imbere bahungu bacu. Uko bigenda kwose muradutera iteka. Bagomvye kubaca intege mu kwanka kubarihira mafaranga ya hotel kugira banke ko musohoka bongera babacumbikira ku birometero 160 naho mukinira kandi urwo rugendo rwose murugenda n’imodoka. Ariko mureme. Umwana yankwa niwe akura.

  • Imana irabaje imbere bahungu bacu. Uko bigenda kwose muradutera iteka. Bagomvye kubaca intege mu kwanka kubarihira mafaranga ya hotel kugira banke ko musohoka bongera babacumbikira ku birometero 160 naho mukinira kandi urwo rugendo rwose murugenda n’imodoka. Ariko mureme. Umwana yankwa niwe akura.

  • Kubwiza umuntu ukuri ni vyiza. Sinobabesha ngo Muzotsinda ariko bishitse azoba ari vyiza. Sinon j’ai plus d’illusions pour notre équipe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.