IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Christophe NKEZABAHIZI n’umuryango wiwe wose bashinguwe

Christophe NKEZABAHIZI n’umuryango wiwe wose bashinguwe

mercredi 21 Gitugutu 2015, par egide

Umuryango w’umumenyeshamakuru Christophe NKEZABAHIZI wagandaguwe wose washinguwe kuri uwu wa kabiri mw’itongo ry’abapfuye ku Mpanda. Abantu isinzi bari baje kubasezera ubwa nyuma bariyamirije ubwo bwicanyi bwakorewe inzirakarengane.

Mu nkuka y’imisa yabereye kuri paruwasi yitiriwe umweranda Yozefu, imisa yasomewe Christophe NKEZABAHIZI n’umupfasoni wiwe Alice NIYONZIMA, abana biwe KAMIKIMANA Ines Nikura, Irakoze Tresor, hamwe na Evariste MBONIHANKUYE, umwishwa w’umumenyeshamakuru Christophe NKEZABAHIZI.

Abantu bari baje gusezera uwo muryango bari bitwaje inzandiko ziyamiriza ubwo bwicanyi, amwe mu majambo yari kuri izo zandiko akaba yavuga ati : Turiyamirije ubwicanyi ndengerabutungane, Turiyamirije uguhohotera ikiremwa muntu, Turiyamirije ukudahana ivyaha, Kwica si umuti, Turiyamirije ubwicanyi bw’inzirakarengane, Turiyamirije ubwicanyi bukorerwa inzirakarengane.

Christophe NKEZABAHIZI n’umuryango wiwe wose bagandaguwe ku muhingamo w’igenekerezo rya 13 Gitugutu 2015.


IGIHE

Messages

  • basha, birababaje kweri.

  • ubwicanyi nkubwo turabwiyamirije kandi turiyamirije pacifique nininahazwe nabandi bose bibereye iburaya bagakokeza ingwano hagasigara harapfa inzirakarengane

  • Abo bantu bishwe na Polisi irimwo imbonerakure n’interahamwe ni genocide politico ethinique iriko irakorwa.

  • Nkurumbi umusi azova kubutegetsi niho uburundi buzoba bwikukiye kuko aba biligi ntakibi badukoreye kingana nubwicanyi iyi mbunuza nkurumbi iriko irakora.

  • Izi ni i! Ese ni uwuhe musaruro uzova mukumena amaraso uretse umuvumo n’amaherezo mabi kubishora mu bwicanyi. Abantu bite kubibahuza kuruta ibibatandukanya. Twibuke ko buri wese amaherezo ye ari ugupfa mugihe Umwami Yesu atagarutse vuba. Abicanyi ni mwanamure icumu kuberako Imana itabaremeye ku mena amaraso. Imana yaremeye buri wese ibikorwa by’Urukundo si Iby’Ubunyamaswa cyangwa ubugome ndengakamere. Tureke ivangura ryaba irishingiye ku moko, irishingiye ku karere, cyangwa irishingiye
    ku gihugu. Bene ibi bikorwa, ni ibikorwa by’ubugwari kandi by’umwanda. Twese tuva amaraso, duhuje ururimi n’umuco kandi ibirenze ibyo turi race humaine. Reka dukore ibijyanye no gushaka kw’Imana, duharanire ubumwe n’urukundo nibyo bifite inyungu n’umumaro kuri twe n’abazadukomokaho. Mana tabara Uburundi n’abarundi n’abandi bose bgerwaho n’ingaruka zibiri ko biraba.

  • jew kubwanj ubwicanyi ubwicany bwose nu bwohagarara.nukuvuga umunt arafise uburnganzira bwo kubaho,kiretse imana yamuremye imuhamagay.2 ubutungane niukore,mbega harihaho bukira n’aho budakora?rero abantu kurya yaturemye tudasa,tutareha,tutavuga kumw,tutiyumvira kumwe,nicogituma tudakora kumwe.ntushobira guhora umuntu ivyiyumviro vyiw.3menya neza,urica umuntu IMANA ikinumira,wica yinumura ukibaza ko haraho muhuriy nayo,( Gezaho uyisabe imbabazi) yo ifise igihe ivugira nigihe itegekera kandi vyos biba uko ishaka.ntukibaze ngo ndishe uyu cangu uriya kuko w’ica umwe hakavuka 1000000 nabarenga non wrw ukora ivyo uzomara imyaka igihumbi,nasubiyemwo ( GEZAHO) mbega wica icutaremye urinde? wigiriki? burya wamwu n’IMANA?andakubwiy umugabo numugore,bavyara abana bakonka ibere rimwe,bakigishw kuvuga kumw,gutambuka kumw,kuraba kumw,nibind nibind,nob abavye bamwe bagisha kumw,ko batigera biyumvira kumwe cange ngo nakore kumw,mbega aho ushakako bose bakora nkaw,cange ngo biyumvire nkaw,wew ur’IMANA?uba umutware,ubaa nyarucari twese ilbere y’IMANA turangana.bavukanyi igarure musege uhoraho kandi muysabe ibereke inzira nziza yokugenderamwo ngaha mwisi turimwo.mwese,N.B,twese vyose,mwese mugende imbere IMANA ibaherekeze kuko uri imbere mumuso y’IMANA ntakintu nakimwe kikunyiganyiza ucunwe n’uhoraho IMANA yac yaturemye.,(kubwanje uwomuryango IMANA iwakire ,namwe mwaduhay akanya kogira ico tuvuze uhoraha abazigame.

  • jew kubwanj ubwicanyi ubwicany bwose nu bwohagarara.nukuvuga umunt arafise uburnganzira bwo kubaho,kiretse imana yamuremye imuhamagay.2 ubutungane niukore,mbega harihaho bukira n’aho budakora?rero abantu kurya yaturemye tudasa,tutareha,tutavuga kumw,tutiyumvira kumwe,nicogituma tudakora kumwe.ntushobira guhora umuntu ivyiyumviro vyiw.3menya neza,urica umuntu IMANA ikinumira,wica yinumura ukibaza ko haraho muhuriy nayo,( Gezaho uyisabe imbabazi) yo ifise igihe ivugira nigihe itegekera kandi vyos biba uko ishaka.ntukibaze ngo ndishe uyu cangu uriya kuko w’ica umwe hakavuka 1000000 nabarenga non wrw ukora ivyo uzomara imyaka igihumbi,nasubiyemwo ( GEZAHO) mbega wica icutaremye urinde? wigiriki? burya wamwu n’IMANA?andakubwiy umugabo numugore,bavyara abana bakonka ibere rimwe,bakigishw kuvuga kumw,gutambuka kumw,kuraba kumw,nibind nibind,nob abavye bamwe bagisha kumw,ko batigera biyumvira kumwe cange ngo nakore kumw,mbega aho ushakako bose bakora nkaw,cange ngo biyumvire nkaw,wew ur’IMANA?uba umutware,ubaa nyarucari twese ilbere y’IMANA turangana.bavukanyi igarure musege uhoraho kandi muysabe ibereke inzira nziza yokugenderamwo ngaha mwisi turimwo.mwese,N.B,twese vyose,mwese mugende imbere IMANA ibaherekeze kuko uri imbere mumuso y’IMANA ntakintu nakimwe kikunyiganyiza ucunwe n’uhoraho IMANA yac yaturemye.,(kubwanje uwomuryango IMANA iwakire ,namwe mwaduhay akanya kogira ico tuvuze uhoraha abazigame.

  • What a shame on the government supposed to protect its people!! Till now, there no clear explanations about murderers!!!

  • Turateyivyatsi ubwicanyi bwa hitany inzirakarengane atacozizi ra , turayamirije abaja gusegesha amaraso yacu .pasfiqe nabo barikumwe turabi yamirije .abaporisi batay umurongo turabi yamirije

  • UMUNTU WESE AZIRA VYIZA CANKE BIBI AKORA.POLITIQUE IS NOT SOMETHING!

  • Imana Ibakire Mubwamibwayo

  • nabagende isi ibakandagire ntakundi natwe turinyuma imana ibakire

  • Nonububutegetsi Twobuvuga Gut? Nubwo Kwica, Nukwiba Gusa Ark Bameny Neza Ko Imana Ibibona

  • ndabona bamwe baragize ubuhizi kwica
    ariko bamenyeko nabo bafise umunsi wabo.

  • Abo bantu bazohumira ababishe. Kandi abo bantu bitwa igipolisi n’interahamwe bazopfa bangara uravye ivyo bakora. Nk’abo bana bovuga ngo babahoye iki? Ubututsi bwabo? Ni bature baruhuke ntibashobora kumara abatutsi. No mu Rwanda barananiwe.

  • imananibakiremubwamibwayonamwemwica abantumubahora ko imanayabaremyemuragowe été si igiyegushira igihecimanza uzokwireguziki

  • Abantu mwanditse ngaha nashaka kubanza kubashimira kuvyiyumviro vyiza mwanditse. Mugabo hariho ikintu gikomeye tutibuka canke twirengagiza.Twarabwiweko ati: ntukarabe ikiri mujisho ryamugenzawe nawe utararaba ikiri muryawe. Hariho imico y’abantu idutuma tudashobora gutahura ,ivyo bintu bikomamakomeye ariryo jambo ry’’Imana. Nimba uzi ivyo Imana yauze mwitanguriro ,woguma mu mico y’’Abantu bigize incabwenge muguhindagura ivy’’Imana yaduteguriye ikiturema. Ijambo KWICA,muraziko kizira , nimba uriko uraraba abo bariko barica ubu; raba nawe ko atagikoko kumbure kirabura ubuzima kubera wewe!! Mumenyeko Inyama, n’ubuzima bwazo ariyo Maraso mwabibujijwe . Mugabo imico irabihindagura ukundi . Ivy’Imana yabateguriye gufungura ntibirahinduka , bihige kugira tuvavanure n’’igicumuro c’’ubwicanyi. Tuzobandanye tuganirira aha .

  • ndahojejeuwomuryango nkiyamirizaubwicanyinkubwo imana ibakiremubwamibwayo

  • ubwicanyi bwabayendase muburundi mana garukira uburundi

  • Arik ababikor bisunga ik?yaba bibuk ko bazopfa, ntibokoze iry shano.

  • Nonegayemwe izo ntore bazihoyiki ?nukuri abagadaguye abobantu amaraso yabo azobakurikire ahobazoba hose ntibakaronke amahoro, kera uburundi bwararwamwo amata nubuki none burarwamwa amaraso gusa.none ntakundi iyo tubanye ubutegetsi bubi abenigihugu barahahonera.

  • MBANJE GUHOZA UMURYANGO WASIGAYE KUWO BAMUKAKO NKONGERA NKAHOZA ABARUNDI NABARUNDIKAZI BAKIRI MUGIHU NKONGERA NKASHIMIRA ABAFASHE MUMU GONGO IMURYANGO WABUZE MUGUSHINGURANA ITEKA UWOMURYANG MUZE MWAME UKO IMANA IBISHURA KANDI MUSENGE KUKO IRIKO BIRABA NTAHO BITANDUKANYE NUMUHERO NIYOMPAMVU MWOSENGA MWIVUYE INYUMA IKINDI NACO MWOMENYA UWIGIRA AGAKOMEYE IMBERE YI MANA NUBUSA

  • Yemwe turabe neza ntidusigikire aba carwabariya abataguye kwica imuporisi nibo nkweziyamarira ahivubu zirwaniye ibihahonera nivyaci mwibuke 93 harangeze h imana yisura reka abicana bicane uwicsizinkta azokwi ciswinkota

  • Ndahojeje umuryango usingaye, ariko inkuru zizewe ziravuganezanezako gobamuhoyeko yafashe amaphoto nama video yabantubari mumigumuko nokugerageza gutera kudeta akaba ayomafoto nama video akomeje kwerekanwa cane hiryanohino yerekananeza amabi bakoze kandi ayomafoto nama video akabayerekana abataribake abaribonezaneza ngukwo uko Boko Halamu yi Burundi ishigikiwe nibihungu bimwebimwe bikomeye yamujijije. Ngokamimura icaciyekibashavuza bigatuma bacabamwirenza mumisi iheze haherutse gutunganwa film yukuntu abari muribiryabise imyigaragamvyo arinabo barikumwe nabashatse gutera kudeta iyo FILM uyumusi ushobora kuyisanga aho ibitse heshi ariko noguhitiramwo kujakuyirabira kuri YOUTUBE maze ukandikango :
    BURUNDI2015 LA PSEUDO RA C VOLUTION ET SES CRIMIMES. Iyi film irerekananeza nukuntu baturara abantu nukuntu bica aba polisi bagendababakwega mwibarabara, irakwerekaneza ukuntu bagenda bamanitse inkoho hejuru , irakwereka ukuntu bakarisha ibipanga, irakwereka abataribake umunezere wariwishe muba civil nabasonda igihe barikobaragerageza gutera kudeta aritegerezaneza abanyagihugu naba soda buriye kuri burende umunezero wabishe, etc.
    Imana imwakire mubayo nabiwe.

  • ABO BAGIZIBANABAZAKURIKIRANE URUPFU RWUWO MURYANGO BAZAHANWE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.