IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke: Abantu bane batowe bishwe n’abantu bataramenyekana

Cibitoke: Abantu bane batowe bishwe n’abantu bataramenyekana

mardi 8 Nyakanga 2015

Ibiziga bine vy’abagabo,nivyo vyatowe mu gatondo ko kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 8 Nyakanga 2015,muri zone ya Cibitoke iri muri komine ya Ntahangwa mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Umwe yatowe mu ruzi Nyabagere rugabura zone ya Cibitoke na zone ya Ngagara,uwundi atorwa kw’ibarabara rya 6 muri zone Cibitoke,mu gihe abandi babiri batowe inyuma y’ikigo c’urwaruka co mu Kamenge(Centre Jeune Kamenge) mu gice giherera mu Cibitoke.

Muri abo batowe ari ibiziga harimwo uwahoze itwara imodoka y’umugambwe CNDD-FDD,uwundi akaba yahora atwara imodoka yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura ibajana muri zone ya Musaga iri muri komine ya Muha,mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.

Amakuru ava aho mu Cibitoke,amenyesha ko bamwe muri abo batowe boba biciwe muri zone ya Musaga,abandi bicirwa aho nyene mu Cibitoke.

Mwomenya ko ata ndwi iheze,hari ikindi kiziga gitowe mu ruzi Nyabagere rugabura zone ya Ngagara na zone ya Cibitoke.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Reba abo bose bariko bazira intumva zikeneye kugumira kubutegetsi none ga yemwe tugiye kuba abande? Mana dusenga uri hejuru yavyose namba ibiba ubikunze kubwoko bwawe nibibandanye nkuko uvyipfuza, namba atariko biri naho nugire ico ukoze kubwoko bwawe

  • Aba sans echecs batanguye kwica abahutu. Nyamara leta ishatse abatuye Musaga yareba uko ibavanamo bose muri iyo zone bakomoka . Niba ataribyo baramara abarundi

  • Inzirakarengane nkizo Imana idaca urwangondagonde izobarenganura

  • Inzirakarengane nkizo Imana idaca urwangondagonde izobarenganura

  • Nimwigire amahoro mwari intwari.pacifik na cnaleb nibahaga amaraso y’abarundi ngira bazoshimigwa na satani.

  • Abantu Badashigikiye 3eme Mandat Bose Ni Ukubamesa[mandat Yabo Ntiragera]

  • Abahutu muba mu ma quartiers contestataires va hasi mwige kwirarira sinon abo batutsi b’aba sans echecs barabamara,murabishinga mukibazango ni abagenzi ,va i buzimu muje i buntu

  • Ayo maraso muriko murasesa azobahumira,nta nyishu muzoronka mu kugandagura abantu,

  • Ayo maraso muriko murasesa azobahumira,nta nyishu muzoronka mu kugandagura abantu,

  • nonabobamyamusaganacibitokebagumabicabantu.igiporisinikibakorerekobafatwe.kuvakurimiconbero.batwicanubu.abatutsinintunvape.

  • Jewe nkunze gusubira inyuma nkareba ukuntu bariyabantu baribagumutse ngobarinumyigaragamvyo birukankana aba polisi kugezanaho bafata umu polisi bakagenda bamukwega yubitse inda kugezanaho amabere asanayabonkeje akunyuka agasigara kw’Isi akazagupfa abanjekubabara birenze kwemera, abanturero baforomye baryabantu gukorabirya batarafatwa nivyobituma bakineza kwica abenegihugu.

  • Mana garukira uburundi kuko ndabona berenze.

  • ubu bwicanyi buriko buraba murabeneza ntibube bwihishemwo bimwe byo 1993 inyuma ryigandagurwa rya nyenicubahiro Ndadaye M.aho ayo ma qaritie yihi inkumbi mukugandagura abanyagihugu badasangiye ubwoko!!!

  • ubu bwicanyi buriko buraba murabeneza ntibube bwihishemwo bimwe byo 1993 inyuma ryigandagurwa rya nyenicubahiro Ndadaye M.aho ayo ma qaritie yihi inkumbi mukugandagura abanyagihugu badasangiye ubwoko!!!

  • ABABUZE ABABO MURIGUMYA KUKO AMAHORO AZOBONEKA UBUGETSI BUHINDUTSE MANA DUTABARE URAKOZE

  • @jean pierre
    mwebwe ntimubonako abatutsi basaze bica abahutu mu ma quartiers,bien sur ko ari nka bimwe vya 93,baraja ngaho bakabesha abahutu ngo nta vya moko bikihari kugira abahutu bijajare baze baraniga kamwe kamwe ,nyabuna muhagabire mwa bahutu mwe ayo ma quartiers ni ayabicanyi ruhebwa,kumbura namwe mwirarire mubime amatwi babahenda ngo nkurunziza ni we kibazo,bamaze imyaka icumi barabuze abahudukazi baca amaberer,barabuze abakobwa batungira imigano,barabuze abagabo bashahura,sibo babonye bararonse urwitwazo,haguruka riko muce ubwenge mubegere kure,organisez vous ,si non barabafyeta abo si abantu ni ibikoko.

  • NONE KUWOMUSHOFERI WA CNDD KOMUMAKURUBATAMUVUZE BARAOYEGEZABABOBAPFUYE BATANGAZA ABOMUYINDIMIGABWEGUSA EWE BARIKUNDA BARABESHA NABOBARAPFA

  • NONE KUWOMUSHOFERI WA CNDD KOMUMAKURUBATAMUVUZE BARAOYEGEZABABOBAPFUYE BATANGAZA ABOMUYINDIMIGABWEGUSA EWE BARIKUNDA BARABESHA NABOBARAPFA

  • Uwica,uwusahura,uwutoteza abandi,uwubiba canke akamisha amacakubiri,umubeshi,uwikika mu kiza akadodobereza abandi canke akabakura muvyabo,....uwo wese yibazako urukiza ruri mukubiba urwanko mu bantu kugira inyungu ziwe zikingirwe,uwucira imanza abandi arenze ivyiwe,....UWO WESE ARI MURI UWO MURWI nta mahoro azozanira abarundi namba.Ntamuntu yokwishimirako uwundi yapfuye canke yahangayitse kuko urupfu canke amagorwa ntawuvyitegurira.Ntanamahoro arama ashoboka aciye munkoho-uwuzikoresha wese baba abarwanya leta canke leta nyene.Ikibabaje ni uko abantu baza gutora ubwenge ko kuyaga bitagira uburyarya arivyo nkenerwa ibintu vyamaze kwononekara.NTIHAGIRE UWISHINGA AMAKUNGU kuko yoyo inyungu zayo zikwiye ntakibazo nubwo twomarana.
    Imana ibandanye itugirira imbabazi ku guhemuka kwacu maze idufashe kuja mu nzira y’ukuri no gusubiza hamwe nayo ubundiho tuzokwigumira uku abandi batere imbere kubera bafashe umwanya wo kumenya insiguro nakamaro kubumwe.

  • Mbega mana muzambarize igipolice cnk igisirikare ca leta y"iburundi y’uko bananiwe ku garukana umutekano cnk bavuge y’uko igihugu kiri muntambara cnk y’uko nta leta iriho mu burundi.

  • Uwihenda nueuvuga ngo ntakibazo ca moko mu burundi umuhutu yaraye yishwe buckeye hapfa umututsi vyiza twobigira vubana vuba tukaraba hagasigara uwimana ugira izombwa ibinice 20% bazotunanira kandi bitebe bite bike bizoba.

  • Murantunge kukongombandababwire ibintu bitarivyiza, jewe uyumusi nahuye numuntu wumugenzi wumu Somalia akaba kuva abarundi bagiye gufasha kugarukana amahoro mugihuguciwe nawe arakinda gukurikirana ibibera mugihuguciwe ca Somaria akongera akitaho gukurikirana ivyomu Burundi, arikorero uyumusi yambwiyati niwihangane namenyeko harihabantu bishwe mugihugucawe, nanjenti murakoze kundemesha. Ariko yaciyambaza ngo: Mbese amakora amabinkarya nibande? Nanjenti ntibaranenyekana, acarambwirango; mugabo njewe ukondakubona wewe bikubabaza iyohagize abantubicwa Burundi ngondafise abandibagenzi 2 babarundi bobo bacabavugango rekabahashe uwigize umukuru wigihugu kungivu, acarambazango: Nonenyene yigize umukuruwigihugu kunguvu? Nanjemumajambomakeya atoya aherika gutorwa nabenegihugu. Ijambonyamukuru yaciyambwira niri, Ngotwebwekera muri Somaria twarose abantu bigisha inyigisho zivy,Imana zikaze maze bamwe bakavugako bitoroshe ngwariko abandi tukabishigikira atikandi ntitwaribake mugabontitwarituziko uwutavyemeye azocaba uwukwiye kwica ngondakubwizukuri ngonunomusi aba Somalia beshi bigeze gushigikira ivyobavuga turicuza icatumye tubashigikira atahajewe ubona narumuntu yadandaza ibintu vyokurwego mpuzamakungu ngokuko munyuma batanguye kwica batarobanuye mugihugucose ca Somalia ngonunomusi, ngonone namwebarundi mushigikira umuntu yishe abantu mukacamwibaza ngonuguhasha ngumukuru wigihugu ngoyishize kuntebe ngomurakina kwisumbi ariryongwara! Ngobarya ntahobataniye nabariya biwacu mwaje kudufasha kubacusha ngogushigikira abakorabirya nuguhemukira igihugucawe.

  • Natoa Pole Kwa Familia Nakwa Nchi Nzima Cenye Mwanzo Kinanamwisho Subilieni Mwisho Utafika

  • Ntimusubire kuvuga ngo ntawuzi uwabishe, bishwe na Pierre Nkurunziza.

  • fide warumaze iminsi utavuga, nagira warakijijwz. Imana nyeni imgabo igukuremwo umutima w’amacakubiri, iguh umutima mushasha, kuko naw urarushe

  • Raba Pita Nkuruziz Warakoze Kutuzanir Amahor Yokwicana Ha Imana Iratubon Wewe Iyo Wakaba Usenga Ntiwokwemera Yuko Uburundi Bugwa Mubibazo Warakoze Guhitamwo Ndayimoni Barund Mwihangan

  • @yvette
    Nibazako ari wewe udasoma bikwiye,nta aricle nimwe ntacommenta,eeeeehhh,ndaruha nyene ntawurya akatamugoye,niko bimeze .

  • mbega kodusenga nidusengere igihugu cuBURUNDI MANA TABARA ABANA bawe

  • None Mwebwe Muvuga Ko Ubwo Bwicanyi Buva Kuki? Nimukor Amatohoza Mu Maguru Masha

  • fidelite lmana igufash igukuremwo umutima nkuyo kuko uri satani p p!! w nyoko akuvyara waramusavy ngwakuvyare urumuhutu ko twes twisanze turiho kuisi atawurinze gusaba ubwoko yoronka bisigura ngo uwaturemy numw!!

  • none ubwobwicanyi buterwa niki!abobabutera ntibokwikebuka? murakoze.

  • none ubwobwicanyi buterwa niki!abobabutera ntibokwikebuka? murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.