IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Abantu batatu bikekwa gukorana na NZABAMPEMA bahagaritswe

Cibitoke : Abantu batatu bikekwa gukorana na NZABAMPEMA bahagaritswe

lundi 1er Kigarama 2014

Urwego rw’igendereza mu ntara ya Cibitoke rwahagaritse abantu batatu bikekwa ko bakorana na Aloys NZABAMPEMA, umukuru w’abarwanyi bivugwa ko bakorera muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Abo bagabo batatu bapfungiwe mu gasho k’intara ya Cibitoke mu kurindira ikizova mu matohoza.

Abo bafashwe bari abaje kuramutsa muvyarawabo asanzwe ari umusirikare, mu gihe bariko barayaga bakaba babonye abaporisi babahagarika, kuko bagirijwe ko baraye aho muri uwo muhana batabimenyesheje abajejwe intwaro. Nyene urwo urugo yamenyesheje ko yagiye kubandikisha mu gitabu c’ingenzi, ariko amenyeshwa ko camaze kwuzura.

Abo bagabo batatu bikekwa ko bari mu mubarwanyi ba Aloys NZABAMPEMA bakorera muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bakaba bapfungiwe mu gasho k’intara ya Cibitoke ku mvo z’amatohoza.

Abajejwe intwaro muri iyo ntara baremeza ayo makuru, Anselme NSABIMANA, buramatari w’intara ya Cibitoke akamenyesha ko amatohoza niyahera bagasanga abo bagabo ntakibagira, bazorekurwa, canke bakurikiranwe mu butungane, mu gihe bosanga bafise ivyo bagirizwa.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ubunyene kuvaho abomuri ADC bahereje gukorera inama Bugande ngoyogukora ukobashoboye kwose ngobagahungabanya umutekano vubavuba amatora ngwataragera, abajejwe umutekano bategerezwa kwerekana icobigiye ubugirakandi, hariho abantu barunditswe Bugande nahandi hatandukanye mazebigira ababangamiwe na leta yuburindi batanginkuruneza ubonako bamwebaza baramaze gushingwa namabanga yomuriyo migambi ya ADC, ariko muncamake hariho uwuriko aritegura gutanga amajwi yabari mwiyonama yabereye Auganda ngoyayafatishije telefone yariyayishize mumufuka irimuri recorder.

  • TWEBWE ABARUNDI DUSAVYE IMANA IKORE NKUKO ARUMUTABAZI ABIGIRA AGAKOMEYE MUBWICANYI BIHURIRE KANDI NTAKABUZA BIGIYE KUGENDA GUTYO INAMA BAZIGIR BAREK NTAMUNYAKIBI AGIYEKUZOHANGAMA JEWE NDUMWE MUBARUNDI BATO MUGABO NTANAMA ZABANYAKIBI ZINDUGARIKA UMUTIMA ICONZI NUKO HAMANI NABAGENZIWE BATEGUYE UBWICANYI BUHITANA BENE KUBUTEGURA IRYO NIJAMBO RYUHORAHO KUBAGOMBA GUSHIRA IGIHUGU MUKAGA IMPANURO ENDA TESHWA MUTE!!! UBWICANYI SIWO MUTI UMUTI NUKWEMERA IBIKUGORA BIKAKUGORA MUMWANYA1 MUWUNDI BIGAHERA MUBUZIMA BWOMWIS UMUNTU ABA MUBIH2(ivyiTWEBWE ABARUNDI DUSAVYE IMANA IKORE NKUKO ARUMUTABAZI ABIGIRA AGAKOMEYE MUBWICANYI BIHURIRE KANDI NTAKABUZA BIGIYE KUGENDA GUTYO INAMA BAZIGIR BAREK NTAMUNYAKIBI AGIYEKUZOHANGAMA JEWE NDUMWE MUBARUNDI BATO MUGABO NTANAMA ZABANYAKIBI ZINDUGARIKA UMUTIMA ICONZI NUKO HAMANI NABAGENZIWE BATEGUYE UBWICANYI BUHITANA BENE KUBUTEGURA IRYO NIJAMBO RYUHORAHO KUBAGOMBA GUSHIRA IGIHUGU MUKAGA IMPANURO ENDA TESHWA MUTE!!! UBWICANYI SIWO MUTI UMUTI NUKWEMERA IBIKUGORA BIKAKUGORA MUMWANYA1 MUWUNDI BIGAHERA MUBUZIMA BWOMWIS UMUNTU ABA MUBIH2(ivyiTWEBWE ABARUNDI DUSAVYE IMANA IKORE NKUKO ARUMUTABAZI ABIGIRA AGAKOMEYE MUBWICANYI BIHURIRE KANDI NTAKABUZA BIGIYE KUGENDA GUTYO INAMA BAZIGIR BAREK NTAMUNYAKIBI AGIYEKUZOHANGAMA JEWE NDUMWE MUBARUNDI BATO MUGABO NTANAMA ZABANYAKIBI ZINDUGARIKA UMUTIMA ICONZI NUKO HAMANI NABAGENZIWE BATEGUYE UBWICANYI BUHITANA BENE KUBUTEGURA IRYO NIJAMBO RYUHORAHO KUBAGOMBA GUSHIRA IGIHUGU MUKAGA IMPANURO ENDA TESHWA MUTE!!! UBWICANYI SIWO MUTI UMUTI NUKWEMERA IBIKUGORA BIKAKUGORA MUMWANYA1 MUWUNDI BIGAHERA MUBUZIMA BWOMWIS UMUNTU ABA MUBIH2(ivyiTWEBWE ABARUNDI DUSAVYE IMANA IKORE NKUKO ARUMUTABAZI ABIGIRA AGAKOMEYE MUBWICANYI BIHURIRE KANDI NTAKABUZA BIGIYE KUGENDA GUTYO INAMA BAZIGIR BAREK NTAMUNYAKIBI AGIYEKUZOHANGAMA JEWE NDUMWE MUBARUNDI BATO MUGABO NTANAMA ZABANYAKIBI ZINDUGARIKA UMUTIMA ICONZI NUKO HAMANI NABAGENZIWE BATEGUYE UBWICANYI BUHITANA BENE KUBUTEGURA IRYO NIJAMBO RYUHORAHO KUBAGOMBA GUSHIRA IGIHUGU MUKAGA IMPANURO ENDA TESHWA MUTE!!! UBWICANYI SIWO MUTI UMUTI NUKWEMERA IBIKUGORA BIKAKUGORA MUMWANYA1 MUWUNDI BIGAHERA MUBUZIMA BWOMWIS UMUNTU ABA MUBIH2(ivyiza nibib)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.