IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Gerenade zibiri zasibije abanyeshure ivyigwa

Cibitoke : Gerenade zibiri zasibije abanyeshure ivyigwa

lundi 26 Gitugutu 2015, par egide

Gerenade zibiri zaturikiye mu gatondo ko kuri uwu wa mbere hafi y’ishure ryisumbuye hamwe n’ishure ritoya ryo kw’ibarabara ry’icenda n’iry’icenda, zatumye ivyigwa bidatangwa kuri uwu wa mbere kuri ayo mashure. Abanyeshure n’abigisha baciye bataha kubera ubwoba.

Abanyagihugu baba mu Cibitoke, hafi y’ahaturikiye izo gerenade zibiri bamenyesha umugore yariko agira isuku, yegeranya umwavu, awuturirira mu kibanza cahambwemwo izo gerenade zibiri atabizi.

Abanyeshure bo ku mashure yegereye urwo rugo rwaturikiyemwo ayo magerenade baciye bata ivyigwa bariruka kubera ubwoba.

Igiporisi cahashitse, haca hahagarikwa ku mvo z’amatohoza abagore babiri bo muri urwo rupangu, umusore umwe, hamwe n’uwundi mwana, bose baba kw’ibarabara ry’umunani mu Cibitoke.


IGIHE

Messages

  • Mbasha Uwomuvyeyi Ntaco Yabaye,uti Pore.Iyo Mihimbiri Nayo Iziranyegeza Ayo Magerenade Nibamenyeko Igihe Caheze,ntibibazeko Ivyobakora Babikora Tubabona,bazovyishura Tu.Naho Bozishira Mu Twarete Tuzozikurayo,natwe Atatwaye Ikikiringo Ca2ntituzokwemera Twebwe Imbonerakure,nakomera

  • Mbasha Uwomuvyeyi Ntaco Yabaye,uti Pore.Iyo Mihimbiri Nayo Iziranyegeza Ayo Magerenade Nibamenyeko Igihe Caheze,ntibibazeko Ivyobakora Babikora Tubabona,bazovyishura Tu.Naho Bozishira Mu Twarete Tuzozikurayo,natwe Atatwaye Ikikiringo Ca2ntituzokwemera Twebwe Imbonerakure,nakomera

  • Imana Irakunda Abarundi N’uburundi.Ahubwo Abasenzi Ntimuryame

  • Ntimubagirire Nabi Uhoraho Aratubona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.