IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Indyane z’amatongo ziragisibije

Cibitoke : Indyane z’amatongo ziragisibije

jeudi 10 Mukakaro 2014

Ubwicanyi mu ntara ya Cibitoke bufatiye ku bintu bitandukanye buguma bwiyongera, aho mu ndwi ya mbereya Mukakaro, abantu 4 bagandaguwe.

Buramatari w’intara ya Cibitoke akavuga ko ubwo bwicanyi nka bwose bufatiye ku ndyane za matongo. Anselme Nyandwi avuga ko bagiye gushiraho umurwi uhurikiyemwo abantu batandukanye, kugira ubwo bwicanyi bushobore gutuzwa. Ubwo bwicanyi bufatiye ku ndyane z’amatongo bukaba buri mu bituma umutekano uhungabana mu miryango.

Yaba abajejwe intwaro n’igiporisi, bose bakaba bagiye gukorera hamwe mu gufasha kugira izo ndyane n’ubwicanyi bihere, bifatiye ku matongo canke izindi ndyane zose zitandukanye zituma amaraso aseseka. Ukwezi kwa Ruheshi muri iyo ntara hakaba havugwa ubwicanyi buri hagati y’abubakanye.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.