IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Umugabo yagandaguye umugore wiwe akoresheje icuma

Cibitoke : Umugabo yagandaguye umugore wiwe akoresheje icuma

mercredi 25 Ruheshi 2014

Icuma c’ikinga n’ico umugabo wo mu ntara ya Cibitoke muri site ya Gateri i Buganda yakoresheje mu kwica umugore wiwe, abanje kukimukubita.

Ababanyi canke ndetse n’umuryango bakaba bavuga ko, imvo zatumye uyo mugabo agandagura umugore wiwe kuri uyu wa 24 Ruheshi atawurazimenya, ariko ko uyo mugabo yiyemerara icaha. Ababanyi co kimwe n’umuryango w’uyo mukenyezi yagandagujwe icuma c’ikinga rero, bose bagasaba ko uyo mugabo yohanwa bimwe vy’akarorero, kandi bigaha n’icirwa abandi bagabo canke ndetse n’abagore bishika bakagandagura abo baba bubakanye.

Uyo mugabo yagandaguye umutambukanyi wiwe aho mu Cibitoke, ubu akaba ari mu minwe y’inyamiramabi mu gisagara ca Bujumbura, aho bariko baramutegurira idosiye kugira ajanwe gupfungirwa mw’ibohero rikuru.


Aristide Nizigire

Messages

  • DUSUBIRE TURABE KO UWO MUBISHA BATAZOMUPFUNGURA BABANJE KWIBAGIZA LE DOSSIER ..VYARAGENZE UKO MU KIRUNDO BABANZA KWIBAGIZA UMURYANGO N ABABANYI ,,IbURUNDI ABANTU NK ABO BAKWIYE GUHANWA VY AKARORERO ..ARIKO TUBITEGE AMASO BABANZA GUTERA UBWOBA UMURYANGO WA NYAKWIGIRA NGO AZE KURERA ABANA !!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.