IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Cibitoke: Umugambi wo kugaburira abana uridogerwa na bamwe mu (...)

Cibitoke: Umugambi wo kugaburira abana uridogerwa na bamwe mu bavyeyi

vendredi 11 Gitugutu 2013

Intara ya Cibitoke ni imwe mu ntara z’Uburundi zimaze gushirwamwo umugambi wo kugaburira abana mu mashure hakoreshejwe ivyimburwa birimwa mu gihugu harimwo intara ya Bubanza na Bujumbura Rural. Mu ntara ya Cibitoke, co kimwe no mu nzindi ntara z’Uburundi ikibazo co gufungura nabi ku bana no ku bakenyezi bibungenze kiracibonekeza k’urugezo ruri ku bice 50 n’ibice 7 kwi 100.

Bimwe mu vyongereza ugufungura nabi mu ntara ya Cibitoke, hari ukudafungura neza mu gihe intara ya Cibitoke ifatwa nk’ikigega, igice kinini c’ivyimburwa bakidandaza kugira bagure ibindi vyo kwikenura

Muti none ni kubera iki hatowe intara ya Cibitoke, Bubanza na Bujumbura?

Mu gutora izo ntara kugira hashingwemwo umugambi wo kugaburira abana ku mashure, bisunze ko mu myaka iheze zimbuka cane kandi ko akenshi bimbura batarinze gutabira. Ari naho ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwatoye izo ntara, bukizera kandi ko mu gihe izo ntara gutunganywa kandi neza, zosubira kwimbuka cane.

N’ubwo, umugambi wo gufungurira abana ku mashure ushimwa n’abatari bake, haba ku rwego rwa Leta canke ku rwego rw’amashirahamwe yafashije kugira uwo mugambi ubeho, aho twovuga nka PAM n’igihugu c’Ubuhollande, bamwe mu bavyeyi barereye kuri ayo mashure agaburira abana si ukwo babibona. Ku munsi wa kane wa 10 Gitugutu, igihe hariko haruguruzwa icese ibigo vyo kugaburira abana mu mashure, niho bamwe mu bavyeyi baharerera, basanzwe banatekera ibifungura abo bana, bagaragaza imyidondombo bafise ku bijanye n’uwo mugambi. Bagize bati : "Uyu mugambi nubwo ari mwiza, twebwe nk’abavyeyi turereye muri bino bigo turahavunukira ku mushaha no ku mubiri. Iminsi yose tuzinduka tuza gutegura ibifungurwa vy’abana gushika ku mugoroba, ariko twebwe ntanako kuzimya inyota tuharonkera. Tuva ngava ataco turiye, mbere no guhonja ivyo twatetse ntitubironka, kandi bimwe mu turusho tw’uyu mugambi wo kugaburira abana mu mashure, ari ukugabanya imyitwarariko yo kuronderera ivyo bafungura igabanuka na rirya baba bafungura kabiri ku munsi, ni ukuvuga mu gatondo n’isaha zitandatu. Iyindi ngorane nayo bidogera, mu fungurwa baronka zo kugaburira abana, ibiharage ni bike cane ugereranije n’umuceri uba uhari. Ivyo bigaca bituma abana barya imfungurwa zumye.

Basaba ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi kwongereza ibiharage hamwe n’ikibazo cabo co kutaronka ico bafungura kandi aribo baba biriwe baratekera abana cokwirwa. Umushikiranganji Odetta Kayitesi akaba yarabonye ico kibazo bafise, abemerera ko kigiye kwirwa.

Mwomenya ko muri uwo mugambi wo kugaburira abana ku mashure, hazogaburirwa abana bagera ku 28 000. Mw’ihangiro naho ubwo bushikiranganji bufise muri uwo mugambi, nuko buzoba bwagaburiye abarenga ibihumbi 80, mu mwaka w’i 2016.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.