Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
City Market : Isanurwa rya City Market rirashimisha abadandaza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > City Market : Isanurwa rya City Market rirashimisha abadandaza

City Market : Isanurwa rya City Market rirashimisha abadandaza

mardi 28 Nzero 2014

Inyuma y’aho abadandariza mw’isoko yo kwa Siyoni ’’ City Market’’ bavugiye ko iyo soko yubatse nabi, kuva mu kwezi kwa Kigarama iyo soko iriko irasanurwa, ibibanza bimwe bimwe.

Utuyira duhuza bimwe mu bibanza turiko turasubirwamwo ku buhinga bwa kijambere, mu gukora imifurege itwara amazi, eka hakaba hariko haranubakwa uruzitiro rw’iyo soko. Clovis Nzisabira, umukuru w’iyo soko amenyesha ko anezerezwa n’ibikorwa vyo gusanura iyo soko aho bigeze. Abandanya avuga ko amazi yahora ava ku makiyosike agaheza agashungurukira hasi, akuzura ibibanza abantu bacamwo, ubu bigiye guhagarara, mu gihe bariko barasanura iyo soko.

Abasanzwe rero badandariza muri iyo soko, bakaba bagiye kwiruhutsa. Mu gihe c’imvura, abayidandarizamwo bakamenyesha ko bagira ingorane zidasanzwe kuko imvura iguye, amazi yose yaca aja hagati mw’isoko ugasanga abasumyi n’abadandaza bose batagira isaganirizo, eka mbere iyo soko yari isanzwe itagira isima.

Tukabamenyesha ko iyo soko yo kwa Siyoni irimwo abadandaza benshi, harimwo abagiyeyo, inyuma yo gucikira amaboko mw’isoko nkuru ya Bujumbura, ku wa 27 Nzero umwaka uheze, aho iyo soko yasha igatokombera, izuba riva, ibidandazwa vy’abantu bigacika umunyota.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.