Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Colombiya : Abana 31 basize ubuzima mw’isanganya ry’umuduga wahiye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Colombiya : Abana 31 basize ubuzima mw’isanganya ry’umuduga wahiye

Colombiya : Abana 31 basize ubuzima mw’isanganya ry’umuduga wahiye

lundi 19 Rusama 2014

Mu gihugu ca Colombiya , mu gace ka Fundacion, imodoka yunguruza abantu (bus) yari itwaye abana bagera ku 43, yaraye igize isanganya irasha. Abegera 31 muribo, baca barahasiga ubuzima.

Abana bagera kuri 31 nibo bapfuye kuri uyu w’ Imana itarike 18 Rusama 2014, mu muduga wariko urasha, warimwo abagera kuri 43. Abarokotse bakaba barakomereka inyuma yaho uturikiye mu masaha ya sasita y’umuhingamo, ivuye ku rusengero rwaho abo bana bari bavuye.

Iryo sanganya rikaba ryabaye mu gihe umukuru w’igihugu ca Colombiya, Juan Manuel Santos yari mu myiyamamazo y’amatora. Akaba atatevye kwishira ahabereye iryo sanganya mu buraruko bw’igihugu.

Nkuko amakuru ava mu gihugu ca Colombiya abimenyesha, iyo modoka yahiye, yari iyishengero, ikaba yari itwaye abana bari hagati y’imyaka 2 na 12 y’amavuka bo mu ma karatiye akenye y’i Fundacion

Imbere yuko ibiduga bijejwe kuzimya umuriro bahashika, ababa mu micungararo y’ahabereye iryo sanganya, baciye batangura kuyizimya bakoresheje imisenyi. Umudereva wayo, akaba yaciye atungwa nayo yameze kugutinya kubazwa ivyabaye.

Mu matohoza yagizwe n’abajejwe umutekano muri ico gihugu bakavuga ko muvyatumye haba iryo sanganya, vyoba vyaturutse kuvyuma vy’umuduga bidasezerana. Ariko abandi bavuga ko vyoba vyatumwe n’umudereva yoba yatiriganije ivyuma vy’umuduga, na rirya yari isanzwe ikoreshwa na essence hamwe na gaz.

Juan Manuel Santos, umukuru w’igihugu ca Colombiya, inyuma yo kwishikira ahabereye isanganya arikumwe n’umutambukanyi wiwe, akaba yemenyesheke ko ibijanye n’ifubwa ryabo bana Reta izobiriha vyose. Akaba yasavye ko hokwongererezwa umutekano mu mabarabara kugira impanuka nk’izo ntizisubire kuba.

Mwomenya ubu ikigihugu cose kiri mu kigandaro kubw’abo bana 31 baraye bitavye Imana.


BUKURU Mariella

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.