Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Colombiya: Bigize ababikira ariko badandaza kokayine - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Colombiya: Bigize ababikira ariko badandaza kokayine

Colombiya: Bigize ababikira ariko badandaza kokayine

mercredi 8 Rusama 2013

Abategetetsi b’igipolisi mu gihugu ca Colombie, barafashe abadandaza ibiyayuramutwe vya kokine, bakaba bari bihinduye mu mwambaro w’ababikira bashitse kw’izinga ry’ingenzi ya San Andres muri Carayibe.

Abo bafashwe bigize ababikira bakaba bafise imyaka iri hagati ya 20 na 37, bava i Bogota. Umwe wese akaba yafatanywe ibiro bibiri bibiri vya kokayine bahomye ku mubiri n’akamwanya gafata ku mubiri, bafatiwe ku kibuga c’indege kiri ku metero 700 mu burengero bushira uburaruko bwo muri Colombie.

Abo bagore bafashwe, bibajije ko abajejwe umutekano ku kibuga c’indege badashobora kubafata kubw’impuzu z’ikibikira bari bampaye. Ariko ku kungene bari bahungabanye, badatekanye muribo, ni vyo vyabatumye bafatwa, nk’uko bimenyeshwa na Colonel Jorge Gomez, umukuru w’igipolisi c’i San Andres.

Ikiguzi c’ibidandazwa vyafashwe, vyari bigabuye mu dupimo twayo tugera ku 60 000, utwo natwo tukagereranywa n’igiciro c’amafaranga agera ku miliyoni 65 z’ama pesos, n’ukuvuga hafi imiriyoni 35.400 z’amadorare y’abanyamerika.

Ubutegetsi bwo muri Colombiya, igihugu ca mbere mu gukora kokayine hamwe na Perou, burahimiriza iminsi yose abo badandaza ivyo biyayuramutwe, barondera kubitwara cane cane muri Leta zunze ubumwe za Amerika, muri Mexique, muri Espagne canke muri Tayilande.

Uburyo bwo kwihisha nabwo bukaba butandukanye, kuva ku masandugu y’impuzu gushika ku mamashini y’inyabwonko, uciye ku bitabo, ibintu vyo kwisiga canke vyo kwambara.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.