Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Colombiya: Ku mezi 8, igihababu co gufungura kimugejeje ku biro (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Colombiya: Ku mezi 8, igihababu co gufungura kimugejeje ku biro (...)

Colombiya: Ku mezi 8, igihababu co gufungura kimugejeje ku biro 20

vendredi 21 Ntwarante 2014

Santiago Mendoza, n’umwana w’amezi umunani y’amavuka, aturuka mu gihugu ca Colombiya, afise ubunini burenggeje urugero, ku mezi afise. Nyina amuvyara, avuga ko uwo Mendoza, atavyibuhijwe n’ubusa kuko, igihe cose arize aca amuha ivyo afungura kukubura ukundi yobigira.

Abaganga basanzwe bitwararira amagara ya Santiago Mendoza, bakavuga ko, nimba atava mu muryango w’abantu bafise ingorane z’ubuvyibuhe, nta nkeka Mendoza avyibuhijwe ahanini n’ugufungura cane. Abo baganga, bakavuga ko naho bomufatira ingingo yo kugabanya gufungura, ata yindi nyishu nyakuri ihari yo kugabanya ibiro afise atari umubaga kugira bamugabanye ibiro birenzeko.

Nyina wa Mendoza akaba yabwiwe n’abaganga, ko ukugabanya ibiro bashobora kubimukorera, ariko ko igikwiye gukorwa nyamukuru, ari uko ingeso zitari nziza yahora afise zo kuza aragaburira umwana igihe cose arize, zohinduka, atari uko, ibiro bishobora gusubira kuduga.

Eunic Fandino, nyina wa Mendoza avuga ko icatuma aza araha indya umwana uko arize, ari kubera ko umwana wiwe asanzwe atinya cane, arize akarirana umubabaro mwinshi, akabona ko atovyihanganira kumubona ababaye na rirya ko no mu kuvuka, yavukanye umutima udatekanye. Nyina wa Mendoza akaba yicuza ubu, ukungene umwana angana ku bw’ukungene yaguma amugaburira.

Ku bw’abaganga bavura indwara z’abana (pediatres), abevyeyi b’abana ntibari bakwiye kwicuza igituma baza baraha imfungurwa abana kugira babahoze igihe cose barize, kuko usanga ahanini ata ngaruka mbi bifise. Ati, ahubwo bakwiye kuza bararaba imfungurwa baha abana babo izo arizo.

Mwomenya ko ubu Santiago Mendoza ari mu minwe y’ishirahamwe Chubby Hearts, ishirahamwe nyina yatabaje kugira rimufashe gutabara amagara y’umwana. Abahinga bakavuga ko ata kindi kigiye gukorwa ubu, atari gukoresha imyimenyerezo yo kwinonora imitsi Mendoza hamwe no kumumenyereza gufungura kw’isaha yagenewe gusa. Ababanga bakavuka kandi ko, ku mezi umunani, Santiago afise amahirwe mabi yo kurwara indwara y’igisukari.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.