Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Colombiya : Umukuru w’igihugu yigizeko umwanda muto ari imbere y’abanyagihugu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Colombiya : Umukuru w’igihugu yigizeko umwanda muto ari imbere y’abanyagihugu (...)

Colombiya : Umukuru w’igihugu yigizeko umwanda muto ari imbere y’abanyagihugu isinzi

mercredi 19 Ntwarante 2014

Umukuru w’igihugu ca Colombiya Juan Manuel Santos vyanse ko yigumya aca yigirako umwanda muto, imbere y’abanyagihugu, igihe yariko yasigura ibikorwa vyo gusubira kwiyamamariza ikindi kiringo co kuyobora ico gihugu.

Umukuru w’igihugu ca Colombiya rero akaba yigizeko umwanda muto ari mu gisagara ca Barranquilla, ariko arashikiriza abanyagihugu imigabo n’imigambi yiwe, kugira abo nabo, baze bamuhunde amajwi mu matora buca aba muri ico gihugu. Uwo mukuru w’igihugu w’imyaka 62 y’amavuko, abari ngaho bakaba batatahuye igituma abasanzwe bajejwe kumucungira ububizima, batabonye ko kabaye mw’ipantaro, kugira bashobore kumusaba ko yohagarika ijambo ryiwe, canke abandi bantu bakibaza ko boba batinye kumukebura.

Uko Santos yaguma avuga ijambo, akaba ariko mw’ipantaro yari yambaye y’ibara ry’ikaki haguma hiyongera umuzingi w’ugutota, bivanye n’uwo mwanda muto yaguma asohora uko yavuga ijambo. Mubari ngaho, ntawigeze amukebura kugira ashobore guhagarika ijambo, na rirya impuzu yari yambaye zari zitanguye gutota, abanyagihugu bo, bakaguma bamukomera amashi menshi cane, nk’aho umenga ntacabaye. Tukabamenyesha ko, uyo mukuru w’igihugu ari ku butegetsi ku va mu mwaka w’2010.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.