IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Colonel Gaspard Baratuza arabeshuza ibivugwa kwihagarikwa ry’imyimenyerezo (...)

Colonel Gaspard Baratuza arabeshuza ibivugwa kwihagarikwa ry’imyimenyerezo ku basirikare

mardi 21 Ndamukiza 2015

Abasirikare b’abarundi bagiye kuzosubizwa ku birindiro bahorako mu mwaka wa 2010, mu ntumbero yo gufashanya n’igiporisi mu gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu, na cane cane muri kino kiringo Uburundi buca bwinjira mu matora.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, umuvugizi w’igisirikare, Colonel Gaspard Baratuza yabeshuje yivuye inyuma ibimaze iminsi bishikirizwa ko abanyamahanga bahora bamenyereza abasikirikare b’abarundi bitegurira kurungikwa mu bikogwa vyo kugarukana amahoro mu bihugu vya Somaliya na Centrafrika, ko boba bahagaritse gutanga ivyo vyigwa ku mvu z’umutekano muke urangwa mu gihugu.

Ku bwa Colonel Gaspard Baratuza, akamo katewe n’abenegihugu basaba ko umutekano wokingingwa cane cane mu kiringo c’amatora, arico catumye Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi n’Urwego rw’agisirikira bufata ingingo yo gusubiza abasirikare ku birindiro bahorako mu 2010, kugira bafashanye n’abaporisi mu gutsimbataza amahoro n’umutekano mu kiringo c’amatora.

Uko gusubizwa ku birindo, nico rero catumye ko abanyamahanga bahora baha inyigisho abasirikire, bafata umwanya w’akaruhuko, mu ku rindira ko ico gikogwa co gucungera amatora kirangira. Colonel Baratuza akizeza ko, inyuma y’amatora, ibikogwa vyo gutegura abo basirikira barungikwa mu makungu bizosubira gutangura ukuri kwamye.

Ku kibazo ko iryo hagarikwa ry’ivyigwa ku basirikire ritazohava risubiza inyuma ibikogwa vy’abasirirkare, mu bihe boshaka kurondera abaja kugombora abari mu gikogwa co kugarukana amahoro nko muri Somaliya, Colonel Gaspard Barutuza arahakana ko atangorane n’imwe bizotera, kuko uwo mugwi w’abanyamahanga warumaze kwigisha ama bataillon agera kuri 33, ko niyo vyaba ngombwa ko harungikwa abasirikare batazobura abegenda.

Ivyo rero akaba bishikirijwe, inyuma y’amakuru yatanzwe yamenyesha ko abanyamahanga baturuka mu bihugu vya Amerika n’Ubufaransa boba bahagaritse ivyigwa bahora baha abasikirikare b’abarundi, kubera bagiye mu karuhuko ariko batamenyesheje ryari ako karuhuko kari guhera, bamwe bakaba babona ko iryo hagarikwa ry’ivyigwa ryoba ryavuye k’umutekano muke wibonekeza mu gihugu.


Alida Sabiteka

Messages

  • Ahandi abanenyeshamakuru imbereyuko bandika biriyabihuha bivugango abanyamahanga bahorabigisha abasirikare bokuja gucungera umutekano kurwego mpuzamakungu ngobaratekeye baravuye mugihugu ngokubera umutekano wifashenabi, barikubanza bakabaza abajejwe umutekano umpamvubagiye kugiraburinde kubwira ibihuha abenegihugu arinavyo bibatuma biruka. Umumenyeshamakuru nyakuri wumwuga akora adashaka kugumura abanyagihugu aritindera inkuru imbere yokuyitanga arinavyobituma abumviriza iyorandiyo canke abasoma icokinyamakuru bavugati: Iyinkuru kiciye kwiyi radio (nikinenyeshamakuru) niyo kuko batangaza inkuru babanje kuyitohoza, ahorero mukaba amajisho yabarundi yukuri. Nayokwumva umunyororo atoritse agasho ivyavuze ukacuhereza abenegihugu utabanje gutekereza inyungu bigirura abenegihugu canke inabi bishobora kubateza sivyiza.

  • @Nuwera,uraca critika ivyo abamenyeshamakuru b’i burundi,bose ni abatutsi bagwanya cnddfdd nivyo ikora vyose,ikiza cose kiyicafuza bagishira imbere,nico gituma ahanini ari ukubwira abanyagihugu ntibasubire kwumviriza canke kwemera ibivugwa kuri ayo maradio

  • Abo bagabo bararahiye bararengwa ko ata bantu bari mu nyigisho za gisirikare ziri ko ziragirishwa ikiliba, mu nyuma mwarabonye ivyakwirikiye nta wobisubiramwo , nubu ni baharire, uwo nawe yiyita nuwera turabizi abigira abizi sha, nuwera noneko abamenyesha makuru bose bahengama kuko ari abatutsi ibimenyeshamakuru na ma radio vyose ni vya batutsi ,? nimba ari uko bararaba bitore ikosa nabo baje kwiga.uwo mutekano rero nuwera nimba uhari uwuzowusangira na bandi kandi ni ngwano siyumwe oya ntimuze muvuge ngo mara abansi n’umukunzi hari igihe bijana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.