IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > CONAPES imenyesha ko ishobora kudatanga amanota y’igice ca mbere

CONAPES imenyesha ko ishobora kudatanga amanota y’igice ca mbere

mercredi 4 Kigarama 2013

Sendika CONAPES ihurikiyemwo abigisha bo mu mashure yisumbuye iragabisha Reta ko itazotanga amanota y’igihe ca mbere c’uwu mwaka turimwo, mu gihe mu nteguro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2014 hatoshirwamwo amafaranga azokoreshwa mu gukuraho ubusumbasumbane bw’imishahara y’abigisha bo mu mashure yisumbuye.

Reta y’Uburundi yaratumyeko abahinga biga ikibazo c’ubusumbasumbane bw’imishahara mu bigisha bo mu mashure yisumbuye mu Burundi. Abo bahinga barashikirije icegeranyo Reta, ariko muri sendika CONAPES bagatangazwa n’ingene atakiriko kirakorwa kugira ubwo busumbasumbane buri mu mishahara y’abigisha buvanweho. Emmanuel Mashandari arongoye sendika CONAPES amenyesha ko kuva mu mwaka w’2009, Reta y’Uburundi yari yiyemeje guhagurukira ico kibazo, ariko akababazwa n’ingene gushika uwu mwaka atakirakorwa.

JPEG - 37 ko
Emmanuel Mashandari, arongoye sendika CONAPES

Muri sendika CONAPES bamenyesha ko mu gihe Reta y’Uburundi itoshira amafaranga azokuraho ubwo busumbasumbane mu nteguro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2014, ko batazotanga amanota y’igice ca mbere c’uwu mwaka w’2013. Nk’uko Emmanuel Mashandari abandanya abimenyesha, Reta itikubise agashi, sendika CONAPES iriteguriye n’ugukoresha ubundi bushobozi bwose ihabwa n’amategeko, kugira basabe Reta ko yokuraho ikibazo c’ubusumbasumbane bw’imishahara kiri mu mishahara y’abigisha bo mu mashure yisumbuye.


Egide Nduwimana

Messages

  • twumvise ijambo umushingantahe MASHNDARI YARAYE ASHIKIRIJE TWARYAKIRANYE ITEKA NI C’UBAHIRO NTANGERE. NTANSIGURO NIMWE LETA YOTANGA KU BIGISHA KUKO YARABIBAGIYE BIMWE BIRENZE URUGERO. UMENGO UMWIGISHA SUMUKOZI NKABANDI? VYONGEYE IRABATERANYA NA BANDI BAKOZI. KUBWANJE DIPLOME=SALAIRE QUELQUE SOIT LE METIER.

  • Le Théorème du Salaire Tout le monde connaît le Théorème du
    Salaire qui établit que : Les ingénieurs et les scientifiques ne
    peuvent JAMAIS gagner autant que
    les hommes d’affaires et les
    commerciaux. Ce théorème peut enfin se démontrer
    par la résolution d’une équation
    mathématique simple :
    Notre équation s’appuie sur deux
    postulats très connus : Postulat N° 1 : La Connaissance c’est la Puissance Postulat N° 2 : Le Temps c’est de l’Argent Tout ingénieur sait que : Puissance = Travail / Temps Puisque : Connaissance = Puissance et que Temps = Argent On a donc : Connaissance = Travail / Argent On obtient alors facilement : Argent = Travail / Connaissance Ainsi quand la Connaissance tend vers zéro, l’Argent tend vers l’infini , quelle que soit la valeur attribuée à
    Travail (cette valeur peut être très
    faible).
    A l’inverse quand la Connaissance tend vers l’infini, l’Argent tend alors
    vers zéro, même si la valeur Travail est élevée.
    D’où la conclusion évidente suivante : " Moins vous en connaissez, plus vous gagnez d’argent. "

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.