IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > CONAPES iragabisha Leta

CONAPES iragabisha Leta

jeudi 6 Ruheshi 2013

Abigisha bahurikiye muri CONAPES baragabisha Leta ko kuva kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 10 Ruheshi 2013, bazoja muri yegereyegere. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umukuru w’urwo runani kuri uyu wa kane igenekerezo rya 6 Ruheshi 2013.

Manweli Mashandari umukuru wa CONAPES amenyesha ko imvo nyamukuru itumye bazohagarika imirimo, ari umushahara w’ukwezi kwa Rusama utabonetse utunenge mu gihe bategerezwa gutunganirizwa neza kuko yegereyegere baheruka kugira bamaze iminsi itanu gusa badakora.

Ikindi naco ni uko inama nshikiranganji yari itegekanijwe kuva kw’igenekerezo rya gatanu na gatandatu Ruheshi nk’uko vyari mu masezerano y’abahuje n’umushikiranganji muri komine Rumonge kugira bihweze ibijanye n’imishahara yabo, ico gikorwa kikaba kitabaye.

Kuri ivyo vyose bavuga abari muri CONAPES, Umushikiranganji w’abakozi n’akazi umupfasoni Nosiyata Sendazirasa avuga ko azogira ico ashikirije ejo ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 7 Ruheshi 2013.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.