Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RD Congo: Ban Ki-moon arafitiye icizere abasirikare bashasha ba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RD Congo: Ban Ki-moon arafitiye icizere abasirikare bashasha ba (...)

RD Congo: Ban Ki-moon arafitiye icizere abasirikare bashasha ba ONU

vendredi 24 Rusama 2013

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon, yavuze ko afitiye ciizere abasirikare bashasha ba ONU, bafise inshingano yo guhasha imirwi yitwaje ibirwanisho muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Yavuze ko abo basirikare bashasha bazoshobora gucungera abanyagihugu no gukomeza amahoro muri ako karere karangwamwo umutekano muke.
Ban Ki-moon ejo igihe yariko agendera igisagara ca Goma, yabandanije amenyesha ko abo basirikare bagera ku bihumbi bitatu bagize ico gisoda, bazoba bafise inguvu zikwiriye zo kubungabunga amahoro igihe cose bizoba ari ngombwa.

Mu Burasirazuba bwa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo hafi y’urubibe rw’Urwanda, hamaze igihe havugwa imirwano hagati y’igisoda ca Leta n’imirwi itandukanye yitwaje ibirwanisho harimwo n’umurwi wa M23, umaze iminsi urwanira n’igisoda ca Leta ku nkengera z’igisagara ca Goma.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.