Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Congo Brazaville: Abashikiranganji badashigikiye ko ibwirizwa nshingiro (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo Brazaville: Abashikiranganji badashigikiye ko ibwirizwa nshingiro (...)

Congo Brazaville: Abashikiranganji badashigikiye ko ibwirizwa nshingiro rihinduka birukanywe

mardi 11 Myandagaro 2015

Umukuru w’igihugu ca Congo BrazzavilleDenis Sassou Nguesso yirukanye abashikiranganji babiri inyuma y’aho bitabiye inama yarimwo abatavuga rumwe na Reta,yashitse ku ngingo isaba ko ibwirizwa nshingiro ry’igihugu ritohinduka.

Abo bashikiranganji babiri birukanywe ni umushikiranganji w’ubudandaji Claudine Munari,hamwe n’umushikiranganji w’abakozi ba Reta Guy-Brice Parfait Kolélas.

Abicishije mw’itangazo yateyeko umukono rigaca kw’iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu kuwa mbere igenekerezo rya 10 Myandagaro 2015 risomwe n’umuyobozi mu biro vy’umukuru w’igihugu, abo bashikiranganji babiri berekanye ko badashigikiye ko ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka w’2002 rihinduka kugira umukuru w’igihugu abandanye gutwara kuva mu mwaka w’2016.

Inyuma y’amasaha makeya,abashikiranganji birukanywe muri Reta baciye basubirirwa.Umushikiranganji w ‘ubudandaji yasubirijwe na Euloge Landry Kolélas,mu gihe umushikiranganji w’abakozi ba Reta yasubirijwe na Gen Gilbert Mokoki.

Sassou Nguesso yarongoye igihugu ca Congo Brazaville kuva mu mwaka w’1979 gushika mu mwaka w’1992. Yasubiye kuja ku butegetsi kuva mu mwaka w’1997 gushika n’ubu mu mwaka w’2015.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.