Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Congo : igisirikare citeguriye gutera ibirindiro vya M23 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo : igisirikare citeguriye gutera ibirindiro vya M23

Congo : igisirikare citeguriye gutera ibirindiro vya M23

lundi 2 Nyakanga 2013

Igisirikare ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo kiriko kiritegurira igitero kizogira ku kirindiro gikuru c’umurwi w’abarwanyi ba M23 kiri ku birometero 30 uvuye mu gisagara ca Goma, mu buseruko bw’ico gihugu.

Nk’uko vyashikirijwe kuri uyu wa mbere n’intwazangabo imwe y’igisirikare ca Congo, ubu ibintu vyifashe neza nta ntambara ziriko ziraba mu turere, ariko igitero kiriko kirategurwa, kikazokorwa mu minsi mike iri mbere.

Kuva igenekerezo rya 23 Myandagaro, igisirikare ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo kiri kumwe n’abasirikare ba ONU babandanya bakora ibitero ku barwanyi ba M23 mu ntumbero yo kugurukana umutekano. Kuri uyo wa gatanu, abarwanyi ba M23 barashoboye guhunga gushika ku birometero 15 mu buraruko bwa Goma, ni mu ntara ya Kivu y’uburaruko.

Mw’itangazo bashize ahabona mw’ijoro ry’ejo kuwa mungu, M23 yagiriza ubutegetsi bwa Joseph Kabira ko bwamaze kwegeranya abasirikare navya biduga vy’intambara bita Chars,mu ntumbero yo gushinga ikindi kirindiro ahitwa Mabnga, ku birometero 90 mu buraruko bwa Goma.
Ibirindiro vya M23 birwiriye ahanini ku butaka bwa Rutshuru, ahahereranye n’igihugu c’Urwanda na Uganda. Abahinga bo muri ONU bagiriza ivyo bihugu uko ari bibiri kuba bifasha M23.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.