Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Congo : Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bafise amakenga y’ukwitoza kwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo : Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bafise amakenga y’ukwitoza kwa (...)

Congo : Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bafise amakenga y’ukwitoza kwa Kabila

dimanche 18 Nzero 2015

Inama nshingamateka y’igihugu ca Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Congo yatoye integuro y’itegeko rigenga amatora, iyo nayo rishobora gutuma amatora yarategekanijwe kuba mu mwaka w’2016 yegezwa inyuma.

Iyo nteguro y’itegeko yagiye kwemezwa nk’igihe c’isaha zitanu n’igice z’ijoro n’abashingamateka n’abashingamateka amajana atatu na mirongo itatu n’indwi baryemeje, umunani barihakanye hamwe na 24 ataco barivuzeko.

Igice kinini c’abashingamateka bo mu migambwe itavuga rumwe na Reta ntibitavye ivyo bikorwa vyo gutora iyo nteguro y’itegeko. Bari bamenyesheje ko bataza kuvyitaba kuko ku bwabo iyo nteguro y’itegeko ata kindi igamije atari guhindura ibwirizwa shingiro kugira bikunde umukuru w’igihugu Yozefu Kabila agume ku butegetsi ariko kuva mu 2001.

Iyo nteguro y’itegeko yatowe n’abashingamateka ifitaniye isano n’amatora y’abashingamateka hamwe n’ayo umukuru w’igihugu yari ategekanijwe kuba uno mwaka nyene. Inama nkenguzamateka itegerezwa gusuzuma iyo nteguro y’itegeko guhera kuri uno wa mbere kugira bikunde yemezwe, imbere y’ibikorwa bidasanzwe vy’abashingamateka bitegekanijwe kurangira kuwa 26 Nzero.

Urunani narwo rugizwe n’abanywanyi ba UPDS urunani ruharanira intwaro rusangi hamwe n’iterambere mu mibano , MLC( Mouvement de libération du Congo) hamwe na UNC (Union pour la Nation Congolaise), ikaba ari nayo migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi isa n’iyikomeye , rwahamagariye abanyagihugu baho b’ i Kinshasa kwuza kwugariza ingoro y’inama nshingamateka kugira ntibikunde ko basubiramwo iryo tegeko rigenga amatora.

Mu gihe ibikorwa vyo gutora iryo tegeko vyari birindiriwe ku munsi wa gatandatu canke ku munsi w’ Imana, vyagiye kumenyekana ku mugoroba wo ku munsi wa gatanu, abatari bake bakaba baratangajwe n’abatoye iryo sango kuko bihurirana n’ umunsi hari akaruhuko kuko kuri uno wa gatandatu ariho muri ico gihugu bahimbaza ibirori vyo kwibuka Patrice Lumumba , umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Congo cikukiye, kuwa 17 Nzero 1961.

Mbere abo batavuga rumwe na reta basohoye itangazo bavuga ko ivyo bikorwa vyo kwigungirako kwemeza iyo nteguro y’itegeko ari igikorwa c’uguhemuka ni ikimenyetso kandi co gushaka kugumiza ho umukuru w’igihugu umwe gushika ubuzima bwiwe bwose.

Tubibutse ko umukuru w’igihugu Yozefu Kabila yashitse ku butegetsi asubiriye se wiwe Laurent Desiré kabila, yari asanzwe yahora ari umuroberi yafatishije igihugu umuheto. Yatowe kugira abe umukuru w’ico gihugu mu mwaka w’2006. Akaba yari yasubiye gutorwa mu mwaka w’2011 kugira asubire gutwara ico gihugu mu kiringo c’imyaka itanu, inyuma y’amatora atemewe n’abatavuga rumwe na Reta, mbere akaba yaravuzwemwo utunenge twinshi.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.