Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Congo : Perezida Joseph Kabila ntiyorohewe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo : Perezida Joseph Kabila ntiyorohewe

Congo : Perezida Joseph Kabila ntiyorohewe

lundi 4 Ruhuhuma 2013

Umugwi mushasha w’abagwanyi uri m’ubumanuko bw’intara ya Kivu iri muri repubirika iharanira demokarasi ya Congo uherutse kumenyesha ko ushaka kugwanya Leta ya Kabila.Intumbero y’uwo mugwi akaba ari gutembagaza ubutegetsi.Umugwi UFRC uvugako ari umuhari wa politike kandi ukaba ufise n ’igisirikare.

Uwo muhari mushasha ukaba uvuga ko ushaka ko haba ubutungane kuri Joseph Kabila,ngo kuko bamwagiriza kuba yarahemukiye igihugu,nkuko vyanditswe na Gustave Bagayamukwe Tadji,umukuru w’urwo runani.Ivyo bikaba biri mu rwandiko rwashizwe ahabona kw’igenekerezo rya 25 Nzero uyumwaka.Urwo rwandiko rukaba gwarungikiwe umunyamabanga mukuru wa ONU,Ban ki –Moon. Abo barongoye uwo muhari bagiriza Kabila ko yatwaye igihugu atariwe yatsinze amatora yabaye itariki 28 Munyonyo mu 2011.

Urunani UFRC rukaba rusaba ko ONU yofasha mu gutunganya ayandi matora no gushiraho amategeko mashasha ashobora gufasha abanyagihugu kuva mu bukene barimwo. ONU kandi isabwa gufasha kugirango habeho Leta y’ukuri kandi yubahiriza demokarasi muri RDC.

Uwo muhari mushasha usaba kandi ko hajaho inzego nfatakibanza mukurindira inzego zizotorwa n’abanyagihugu, urasaba kandi ko inzego za gisirikare zitunganywa ukundi gushasha, uhereye mu ntara ya Kivu y’ubumanuko.

Umuhari UFRC ukaba wemeza ko mu minsi iri imbere ugiye kurongora intara ya Kivu y ‘ubumanuko mukurindira ko ubutegetsi bwa Josepf Kabila butanga imihoho.Kugirango ushike ku ntumbero wihaye ,uwo muhari umenyesha ko imiryango yuguruye ku bantu bose bari mu yindi migwi itandukanye ya politike iri muri repubirika iharanira demokarasi ya Congo .
Baremeza kandi ko bashigikiwe n’abarongoye amashirahamwe adaharanira inyungu za politike muri ico gihugu, abanyepolitike batari bake , ndetse n’igice ca Kivu y’uburaruko.

Intara za Kivu y’ubumanuko na Kivu y’ uburaruko zikaba zabaye ikirimbiro ry’imigwi igwana kuko muri ako karere hari ubutare bwinshi kandi bw’ubwoko butandukanye.

Kuva mu kwezi kwa Rusama igisirikare ca Congo kikaba cahora kigwanya umuhari M23,ONU ikaba yagiriza u Rwanda na Ouganda ko bashigikiye uwo muhari ariko ivyo bihugu bikaba vyarahakanye ko bidashigikiye uwo muhari.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.