IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Congo: Terefone ya mbere ngendanwa iva muri Afrika iri kw’isoko

Congo: Terefone ya mbere ngendanwa iva muri Afrika iri kw’isoko

dimanche 30 Kigarama 2012

Kuri uno wa gatandatu itariki 29 kigarama 2012,Verone Mankou w’imyaka 27 akaba ava mu gihugu ca Kongo yaramenyesheje ko Terefone ngendanwa yubuye iri kw’isoko mu gihugu ca Kongo inyuma y’amezi atatu ayishize ahabona.

Nkuko Verone yabimenyesheje itororokanirizo ry’amakuru AFP,urudandazwa rw’iyo terefone rwatangujwe kuri uyu wa gatanu. Iyo terefone ikaba idandarizwa mu mamangazini y’ishirahamwe Airtel Congo na Warid Congo,amashirahamwe abiri y’abigenga yo gutumatumanako amakuru na terefone ngendanwa bagiraniye amasezerano.

Iyo terefone yitwa Elikia mu rurimi rw’ilingala ruvurwa mu gihugu ca Kongo bikaba bisigura Umwizero ubu ikaba idandarizwa mu gihugu ca Kongo honyene ariko Verone yaramenyeshejeko mu minsi iri imbere izogurishwa mu bindi bihugu. Mu gihe rero yari yamenyeshejeko yobaye yatanguye kudandazwa muri munyonyo mukwezi guheze,Verone yavuzeko ukwo gucererwa kwavuye kubijanye n’abayirondera ariko ntiyashimye kubivugako vyinshi.

Iyo terefone yateranirijwe mu gihugu c’UBushinwa, ikaba igurwa amafaranga yababa ijana na mirongo itatu y’abanyaburaya.Iyo terefone rero ikaba yatowe na Mankou akaba asanzwe atwara ishirahamwe rikorera muvyo gutumatumanako amakuru ryitwa Vumuka VMK bisigura ngo ikangure. Bikaba rero vyatwaye iryo shirahamwe amafaranga angana 90 000 y’amanyaburaya.

Twobamenyeshako iryo shirahamwe risanzwe rifise umutahe w’amafaranga arenga 380 000 y’amanyaburaya.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.