Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
COP21: ACP na UE bashitse ku mwumvikano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > COP21: ACP na UE bashitse ku mwumvikano

COP21: ACP na UE bashitse ku mwumvikano

mercredi 9 Kigarama 2015

Ibihugu vyitavye inama ku bidukikije mu gihugu c’Ubufaransa COP21,vyashoboye kwumvikana no guhuriza ku cokorwa mu ntumbero yo kugabanya ubushuhe.

Ibihugu 79 vyo ku mugabane wa Afrika,karayibe na Pacifique ntivyari vyahuje n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ku rugero boshikanako mu kugabanya ubushuhe.

Ivyo bihugu vyarashoboye kandi kwumvikana ku vyasabwe n’igihugu ca Papouasie Nouvelle Gunee casba ko kugabanya ubushuhe vyoshika kw’idegre rimwe n’igice mu gihe ibindi bihugu vyasaba ko vyoshika ku ma degre abiri.

Miguel Arias Canete,komiseri mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ajejwe ihindagurika ry’ibihe n’amasoko ntanga nguvu yavuze ko umwumvikano utegerezwa kuba uwukomeye kandi ufise ico gomba gushikako.

Bitegekanijwe ko Laurent Fabius umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe intwaro hagati mu gihugu ari nawe arongoye inama ashikiriza integuro y’amasezerano ku bihugu 195 vyitavye iyo nama,ayo nayo akazokosorwa bivanye n’uko baganiriye.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.