Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Coree du Nord igiye guhindura izina yitwe Kim Jong Land - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Coree du Nord igiye guhindura izina yitwe Kim Jong Land

Coree du Nord igiye guhindura izina yitwe Kim Jong Land

vendredi 21 Myandagaro 2015

Umukuru w’igihugu ca Koreya yo mu buraruko(Coree du Nord) Kim Jong-un yamenyesheje ko igihugu ciwe kigiye guhindura izina citwe Kim Jong Land.

Imbere y’isinzi ry’abanywanyi b’umugambwe wiwe yavuze ko iyo ari intango kuko hari vyinshi bigiye guhinduka ku gihugu ciwe.

Umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu yasiguye ko icatumye biyumvira guhindura izina ari ukwanka ko bobitiranya n’igihugu ca Koreya y’Epfo(Coree du Sud) kandi babafate nk’igihugu gishingiye ku ntwaro rusangi.Yavuze kandi ko umukuru w’igihugu yasanze iryo zina riryoshe kuvuga.

Kim Jong-un yavuze ko atazoshikana aho gusa ariko ko yiteguye no guhindura ishusho y’igihugu ciwe ku mubumbe w’isi,agihe isanamu isa no mu maso hiwe.Yavuze ko bibaye ngombwa azosamvura ibihugu bibanyi gushika ubutaka bwose bubaye ubwiwe.

Mwomenya haheze ukwezi kurenga,umukuru w’igihugu ca Korey aya Ruguru afashe ingingo yo guhindura amasaha y ‘igihugu ciwe.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.